IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi ntibuzokwitaba inama igira iya 631 y’ubumwe bwa Afrika

Uburundi ntibuzokwitaba inama igira iya 631 y’ubumwe bwa Afrika

samedi 8 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi ntizokwitaba inama igira iya 631 y’ubumwe bwa Afrika iriko irategurwa. Uburundi bwamenyesheje ko budashobora kuja muri iyo nama yatumiwemwo igihugu c’Ubufaransa hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya.

Mw’ikete ryandikiwe umurwi w’ubumwe bwa Afrika ujejwe amahoro n’umutekano, uwuserukira Uburundi i Addis Abeba mu gihugu ca Ethiopie yamenyesheje ko Uburundi budashobora kwicarana n’Ubufaransa hamwe n’ubumwe bwa Buraya muri iyo nama.

Reta y’Uburundi yagiriza igihugu c’Ubufaransa hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ko bakorana n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, hamwe n’abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Mu bizoba biriko birirwa, hakaba harimwo ikibazo ca poritike c’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Eweee reta yankuru nukuri munaleta hayaaa.mbeko ko mwigira basindabibazwa kandi muziko muriko muricha mukana sahura bene burundi,ngo muranse kwicharana nubufaransa hamwe nishirahamwe ryaburaya?mbe ko mutarabirukana muburundi?nimureke kubeshaa nogusamaza abasoma amakuru,mwende canke mureke ibizova muriyo nama muzo vyishura.

  • Mu Burundi dutwawe n’Abagesera n’ukuri kwa Mungu,murabire k’u Rwanda mu ndwi iza John Kerry araba ar’i Kigali naho twebwe tudafise n’urwara rwo kwishima ngo twiyamirije France, ngo ntituzitaba inama ya Union Africaine

  • Nkurunziza ndamwemera kuko avakubwoko bubiri umuhutu hamwe numututsi.none raba ingene yatse igihugu babuyoya nababikomagu ?

  • NUGUSENGA IVYACU BIZOKEMUKA IMANA IRADUKUNDA

  • Eeeeeh komera muhabere maso ntimurwe mwako gatego ntakwicarana numukeba
    Ubu abarundi turi yeux

  • NTIBAJEYO KUKO UBUFARANÇA NTAMAHORO BUDUSHAKIRA. ARIKO KUJAYO NTABIHOMBO KUBURAYI.

  • iyongingo yareta iratomoye, mbehoho ko arinama yubumwe bwafrika abobazungu kuki baizamwo? bobakoze inama yubumwe bwuburayi afrika ntibaitumira, ahubwo nakamaramaza. afrika uzikukira ryari? uburundi buriko buragaragazako bwikukiyevyukuri kandi buriko burahumuramaso afrika kugirango yigazurabangu. BURUNDI OYEEEEEE........

  • Nivyo Uburundi Nigihu Cikukiye Kidakeneye Ko Abazungu Batuguma Kugakanu.Kobadufatiye Ibihano Bakatwima Imfashanyo Baziko Abarundi Duca Dupfa Ubu Rero Babanye Ko Tutapfuye Bashaka Kutwiyegereza.Oya Nibagume Iwabo Bareke Uburundi N’igihugu Catowe Niyo Mwijuru.Nka Isirayeri.

  • None ko mwasezeye muri CPI ! je numva na Union Africaine mwoyivamo?erega ntimwishoboreye,Ubujuju ni virus mbi kweli

  • None ko mushaka kwiharira ivomo muzoba bande? Canke muriko mukanga nde ntimubona yuko mushaka KWICA abarundi bugarijwe nubukene nayandi mabi atako umuntu yoyavuga.
    Mushaka guhiganwa nufaransa hamwe nubumwe bwiburaya kandi aribwo muziga kuburaro nuburamuko hama bigende gute? Canke mwifuza uburundi bumere nka Eritrea kubera akagagazo nagakengere kanyu. Mwibaza yabatutsi baba bafise ayo manyembwa mufise ubu ko mwofuye mutwara nikomine nimwe? Nimuve ibuzim muje.ibuntu burya Abarundi barayamaze bati
    Ntawuharira nuwumuhamba

  • Ewe nkurunziza wabaye umuvumo kuburundi na barundi. Barakubujije ureke iyo manda nawe uti nimana yakubwiye uyijemo none ubona wungungutsi atariko wabaye umuvumo bigutera nisoni gusohoka Igihugu kuko uzi yuko atanumwe akiguha nigwere nimuve ibuzim muje.ibuntu mwumvikane nabandi igihugu kironke akoyoko

  • Abarundi ndabemera. Intagondwa zagerageje rebellions barazisya kuburyo abazungu barakaye kimwe na ruharwa kagame. Iyo abarundi bari gukora bibabaza abazungu. ndashima abarundi rwose nibakomeze bakore bubake amashuri kimwe nimihanda hanyuma abanzi biyahure.

  • Ivyo nivyo mubateje umurekano muke mugihugu nabambere nibazeko ari nabo bari babatumye kuyikora bamaze kubonako bitabahiriye baramaramara ni babanze basabe imbazi twebwe abenegihugu kuko baratugaye mugutembagaza abo twitoreye hama ngo bari kuduharanira komera Burundi erega sabana twabatoye tuziko ari abagabo badatinya igitsure.

  • Hhhhhhhh birame ntangare agasozi kintahanurwa kahiye abagabo babona

  • abategetsi biburundi sibo mumitweyabo harahuyenihahamuka mumwaka (2015!)vyizamwobanza mukabareka bakaruhuka?

  • Dutegerezwa kwereka ubulaya kwaho bwakatuvyorogeye kwarikera kutugize amahirwe nukaronka akakanya kokwipanga ubwo Bulaya bwibajije kobushaka guhasha uburundi reka akakanya tugakoresheneza maze twereke ubwo Bulaya aboturibo kandituravye urukurikirane dufise ntiruzohera ubulaya butabonyeko bitagishoboka kujakwivanga muyandi mashirahamwe agize Isi. Umva twebwe twaremeye turubaha ubumwe bwa Bulaya igihekirekire tukibaza ngonatwe barubaha ubumwe bw’Africa, ariko tumazekwitegereza ukuntu abakoze ibibi muma reta agize ubumwe bw’Africa ukuntu bacabigira murivyo bihugu bigize ubumwe bwa Bulaya maze twavuga kohariho ivyobakwiye kubazwa ubwobumwe bwaburaya bukacabwitabwika hagati! Ivyovyamaze kuturegera twebwe abany’Afrca kuko twamazekubona ko ubulaya tubanye budufata nkabakozi bomunzu bakerara kera bitwa ababoyi kuko bashebuja babarenganije vyaba ivyo ntawabarenganura yarihari.
    Ikibazo ngombambaze , burya harumuntu womubihugu vyi Bulaya yoza mubihugu vy’Afrca hanyuma igihugu ciwe kikavugako kimukenewe kohariho ikibibamwikekako yobayarakoze maze ubumwe bw’Africa bukitambika hagati ngontibamurungika?
    Ivyontivyokunda kuko ubulaya bufata ibihuguvya,’Africa nkivyumba bibamwo ababoyi,abayaya,abungerebinka, nahonyere batari abubu. Muyandimajambo bafata Africa nkakurya umwigisha afatabana bomwishure ryuwambere gusawewe ntakibi canke agahahazo, nagasuzuguro, abayipfuriza abobana.

  • komutanditse italiki izoberako niryari?

  • Iyongingo ninziza kuko ntaco vyomara kwicarana nabobantu babiri!! Nivyakenegwa ubufarasa canke ubumwe bwa buraya kuganira nuburundi bizoca muzindi nzira .umuntu aguhisha kwakwanka nawe ukamuhisha kunizi ,kandibuye iyo ryaserutse ntiriba ricica isuka ,uburundi buri mumaboko y Imana ntacobuzoba kuko yitwa NDIHO niyo itugwanira ifata mpiri imigambi yincankura ninyankaburudi kenshi .nabobazungu ntibazoyinanira.

  • jew numvako vyoba vyiza bitavye Hama bakabagiriza bagatanga nivyemezo nayahandi kuburana nuwudahari numva bitaryoshe ariko NIYO ni politique reka turindire turabe ikizovamwo

  • Iyoreta Yuburundi Yitwaza Agasuzuguro Yicabantu Atacobazira YaRangiza Ikanka Kwitaba Inama yamahoro;nibanka Kwitaba Iyonama ;amamakungu Nakoreshe Imbaraga Itabare Abarundi barimwo Baqfanabi (rwarubozo).Abantu Bagayamakungu;abaturagi Bobo Bimeze Gute?Reta Zunzubumwe Za burayi ;nizifate Umwanzuro Wanyuma. Vyase Mumqanuro; Haba Imbaraga.

  • Iyoreta Yuburundi Yitwaza Agasuzuguro Yicabantu Atacobazira YaRangiza Ikanka Kwitaba Inama yamahoro;nibanka Kwitaba Iyonama ;amamakungu Nakoreshe Imbaraga Itabare Abarundi barimwo Baqfanabi (rwarubozo).Abantu Bagayamakungu;abaturagi Bobo Bimeze Gute?Reta Zunzubumwe Za burayi ;nizifate Umwanzuro Wanyuma. Vyase Mumqanuro; Haba Imbaraga.

  • we kanyosho burya ngo wanka agasuzuguro ukagatahira mwebwe na bo babatuma imyiyerekano musimba muvunika ndabarahiye iyo reta yanyu mura bambere mubukene ikintu reta yanyu yokwereka ubu Buraya nigiki? mbe murazi ukuri kuraryana kandi ishavu ryimbwa riherera mukuzungagiza umurizo

  • Inmpossible!
    EU or France Government can attended AU meeting!?
    I don’t believe that guys!.

  • none ko batwankira ubusa .kuva kera .nitwibereho. nibikundire abandi .twebwe tugumane nimana

  • Har’abantu bibabaza ko kwicarana n’Abafaransa ari nko kwicarana n’Imana. Uwo yiyita Hicuburundi nawe ngo John Kelly azoza i Kigali... John Kelly yabaye Yesu se? Nta gasuzuguro dukeneye, abo bakozi ba Shitani bo mu bumwe bw’Ubulayi nta ciza cabo. Abo bansumirinda bashaka kugurisha igihugu cacu ni bakor’ico bashaka, ariko Iman’iri kumwe natwe. Mbe ko mbona hariho ababajwe n’uko Nkurunziza yahawe igihugu n’Imana ubwo ntibabonye ko igihe bagerageza kumukura kuwa 13 Rusama 2015, ukuntu Imana yamugwaniye? Mukinda mugaramye, mukinda mwubamye, muturir’amapine, igihugu kizotegekwa n’uw’Imana yagihaye. Nta mahoro y’abanyavyaha!

  • Ivyo nivyo ntakwicarana numwansi.Ico batumariye imisi twari ducuditse twarakibonye.

  • Hicuburundi,

    None urindiriye iki ngo uje i Rwanda? Aho wosanga ukiri mu Burundi!

  • Haaaaa ko mukabije kwigunga!!!!

  • Birumvikana ntabategetsi Buburundi boba bacubahuka,guseruka ahabanyacubahiro bakoraniye !.muzorabe namwe iyumuntu amaze kuba ikivume kujahabandi bari ntibimworohera, icarigisigaye baribakwiye gufutwa kumugabane wisi.

  • nahonye nukuraba ubushobozi icogihugu gifis mukutitaba iyonama.mbe mububirigi aimé nyamitwe yarigukorik kowunva reta idashbora kwicarana naUE?

  • @Morodikayi Jon
    "...muzorabe namwe iyumuntu amaze kuba ikivume kujahabandi bari ntibimworohera,.."

    Mbe sha ko umenga nawe waravumwe?

  • Hhaahh nabonye les politiciens benshi mugabo abadutwaye ubu umenga si abantu bazima ni ubwambere igihugu cifatira embargo,bahoza mukanwa u Rwanda, Belgique,France,ONU ubu noneho ni Union Africaine,Ujinga ni Mzigo kweli

  • Mu mabatayo 9 y’abasirikare b’abarundi bari mu butumwa bw’amahoro muri Somalia,atatu muri yo niyo afite ikibazo gikomeye kurusha abandi kuko bamaze amezi 9 badahembwa , naho abandi bakaba bafite ibirarane bitageze ku mezi 9.

  • Turiguze kandi turikoturanyiganza Isi yose!?

  • Hhhhhhhhhhhh havuyeho u Rwanda none ubu ngo Ni abafaransa bagezweho?

  • turashhmiyongingoyafashwen abategetsib uburundi.birumvikanako ntamunt afis ubwengeyozakwicaranan abantubatamushakir amahoro. akarorero : igihuguc ubufaransa cadusabiy intekomvamakunguz abaporisi. ubumwebwaburayanabwo bwadufatiy ibihano. nonenkongahowumvabokwicaranangobavugan iki? nukur iyongingobayifashehageze.kandinatwabarunditurabashigikiy akogasuzuguro bazabatwerek igihecoseturakiyamirije. kandindatahur igitum abobazungubashavura ,batanz amafrangamenshikubashatsegusenyurareta hamwenabagiz imigumuko.babony atakivuyemwo bacababicishamuzindinzira ngobarabekovyokunda.ihibambewe abarundibakund igihugu turimaso.kand abobanyabaribose ntantambwebazoduterana.kuk agacinyizokabotwaragahimvturashhmiyongingoyafashwen abategetsib uburundi.birumvikanako ntamunt afis ubwengeyozakwicaranan abantubatamushakir amahoro. akarorero : igihuguc ubufaransa cadusabiy intekomvamakunguz abaporisi. ubumwebwaburayanabwo bwadufatiy ibihano. nonenkongahowumvabokwicaranangobavugan iki? nukur iyongingobayifashehageze.kandinatwabarunditurabashigikiy akogasuzuguro bazabatwerek igihecoseturakiyamirije. kandindatahur igitum abobazungubashavura ,batanz amafrangamenshikubashatsegusenyurareta hamwenabagiz imigumuko.babony atakivuyemwo bacababicishamuzindinzira ngobarabekovyokunda.ihibambewe abarundibakund igihugu turimaso.kand abobanyabaribose ntantambwebazoduterana.kuk agacinyizokabotwaragahimvye.

  • Mbesha Poud to be Rwandan, ninde yakubwiye ko Kagame wawe twamuretse?
    Twebwe turikoturashira ahabona uwowese yagiye atagira uruhara mugushaka guconganisha abene Burundi tuzobane mubizi canke babizi ko twabamenye.
    Nokubwirarero kohariho nabantu tutarakubwira nitwabakubwira ntuzoze wibazango abotwamaze gushira ahabona ngotwabahevye canke ngotwabagize abera.

  • Ewe NTEMBA NTEKE urabesha Jewe sinavumwe, narahezagiwe iyomba naravumwe nokwifatanije na Nkurunziza petero gusesa amaraso ya benigihugu!,noneho biragahera sikifatanye na bamenja, nawe nimba wifatanije nawe kunwa amaraso ya barundi umusumwe uzorondera kuya dahwa bidashobokaaa.

  • @Schwarzeneger,ikibazo cacu ntawundi wagiteye catewe nijya mendat ya gatatu, rero rekeraho kuvuga Kagame, u Rwanda rwaradusize kure, kandi wibuke ko aribo batwishuriye muri EAC, bakatuzimiriza isoko rya Buja, ntitwobahamvya babishatse bofata Buja muri 2jrs

  • Aba DD batay’ubwenge n’umutwe.

  • Felex ndakubwiz ukur nta mu President at war iguhugu" atatoranijwe n’ Imana. Uwariw wese IJA kuyobora igihugu ari iyomw’ ijuru imushizeko. Nayo yaravy iravuga NGO: mwubahe abbaganza. Soma guhera Samuel 1 ubandany uravyumva neza. Ahubwo ahinduka munyuma iyo yagiyeho

  • Abanyarwanda ndabemera sana, Nyakubahwa Kagame yateguje la France kugucana umubano mugihe boba baramutse basubiyemo enquete kwikororwa ry’indege yarireruye Havyarimana,Vive le Rwanda,ureke aba DD bavuga gusa

  • Hiciburundi ibintu Schwarzenegger avuga nta fact biba bifite nugufana gusa gusa mbese Ni mujya iyo bigiye

  • @Proud to be Rwandan,uvuze ukuri, erega Abarundi nabanyeshari,ubu ntibumva ukungene u Rwanda mwadusize, kandi ba Shwerzeneger n’Interahamwe uravyumva ico arico k’u Rwanda,ni mwirambire bazimyamuriro

  • Ico nikimenyetso kitabesha ko hasigaye igihe gito iyo leta yabicanyi igatembagara

  • Baca umugani ngo "umanika agati wicaye wajya kukamanura ugahaguruka!"
    Ubu hariho abari kuririmba indirimbo zose zirimo amajambo: uwasubiza ibihe inyuma, iyo mbimenya etc...

    Imana ibagenderere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.