IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuserukizi bwa USA mu Burundi bwahojeje imiryango y’abasirikare bapfiriye (...)

Ubuserukizi bwa USA mu Burundi bwahojeje imiryango y’abasirikare bapfiriye muri Somaliya

vendredi 17 Ntwarante 2017

Ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi bwahojeje imiryango y’abasirikare baherutse kwitaba Imana mu gihugu ca Somaliya, mu mutego wakozwe n’abarwanyi b’umuhari Al Shabab ku miduga yabo basirikare.

Mw’itangazo ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwasohoye kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante,umwaka wa 2017, bumenyesha kandi ko bwipfurije abasirikare batandatu bakomeretse gukira hakiri kare.

Muri iryo tangazo, ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi bumenyesha ko ishimira igisirikare c’Uburundi na Reta y’Uburundi ku gikorwa co guhagararira amahoro gikorwa mu gihugu ca Somaliya.

Ico gitero cabaye kw’igenekerezo rya 9 Ntwarante,umwaka wa 2017 mu gihugu ca Somaliya, cahitanye abasirikare babiri bitavye Imana na batandatu bakomeretse.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.