Ubushikiranganji bw’abakozi bwerekanye uwahora yiba Reta abicishije mu kuronderera uturusho abakozi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 14 Ruheshi 2017 saa 04:18
Yasomwe : 18027
0 0

Ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi bwerekanye kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 14 Ruheshi 2017, umukozi w’ubwo bushikiranganji yahora akora ubusuma abicishije mu gusabira uturusho abakozi ba Reta, ababaho n’abatabaho.

Uwo yerekanywe azwi kw’izina rya HAKIZIMANA Fabien yari asanzwe akorera mu gisata c’ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi muri komine Mubimbi, iri mu ntara ya Bujumbura Rural.

Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Fabien HAKIZIMANA yiba Reta abicishije mu gusabira uturusho abakozi akoresheje impapuro ziriko ibidodo vya magendu.

JPEG - 8.1 ko
Fabien HAKIZIMANA

Muri ico kiganiro, umushikiranganji w’abakozi n’akazi ntiyamenyesheje igitigiri c’amafaranga yari amaze kwibwa biciye muri ubwo busuma, ariko yavuze ko igitigiri kizomenyekana inyuma y’amatohoza azokorwa ku mpapuro zerekana abari bamaze kuronka utwo turusho.

Umushikiranaganji Felix MPOZARINIGA asaba abahembwe amahera batagenewe biciye kuri uwo yafashwe kwishikana mu bushikiranganji kugira bumvikane ingene basubize amahera ya Reta bariye batakoreye.

Umwe mu bari bamaze kuronka ayo mafaranga afashijwe na Fabien HAKIZIMANA aravyemera akamenyesha ko yabwiwe ko yomufasha kuronka akarusho, ariko haheze iminsi aca abona bamuhamagaye mu bushikiranganji nawe aravuga uko vyagenze.

Pascal HABONIMANA ahamagarira abandi bose boba bakora ibikorwa vyo kwiba amafaranga ya Reta kubihagarika, abamaze kuyatora nabo bakayasubiza.


Kumenyekanisha

1
wakera 16-06-2017 à 04:44

ko badafata ba MUNYONI hamwe na Sebuja yivye ubutegetsi ngo basubize ivyobasahura!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha