Ubushikiranganji bw’agateka ka zinamuntu busaba amatohoza ku bana bahambwe babona

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 17 janvier 2018 saa 04:41
11715
0 0

Ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira bumenyesha ko bwiyamiriza amabi yakorewe abana bo ku mutumba Nyamabere,komine Mpanda, intara ya Bubanza, aho bahabwe babona gushika mu gikiriza. Ubushikiranganji bugasaba amatohoza.

Mw’itangazo ryo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Nzero 2018, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji Felix NGENDABANYIKWA yavuze ko bateye ivyatsi ivyakozwe, aho abana bafatiwe mu murima w’ibigori, bahatswe guhambwa babona.

Umunyamabanga ntayegayezwa Felix NGENDABANYIKWA avuga ko mu bushikiranganji basaba ko amatohoza yihuta kubakoze ico caha yokorwa .

Felix NGENDABANYIKWA amenyesha kandi ko ubushikiranganji bushima inyifato y’abanyagihugu, kuko badomye urutoki abakoze ico caha.

Félix NGENDABANYIKWA, akemeza ko mu gisata kijanye n’ivyo gukingira abana hakiri ikibazo, bafatiye ku bibazo vy’abana bo mw’ibarabara, igitigiri c’abana b’impfuvyi biyongera, n’ibindi.

Abo bana bahohotewe bakaba bafise imyaka umunani uwundi imyaka icumi


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha