Ubushikiranganji bw’akazi bwatanze akaruhuko kw’igenekerezo rya 1 Nyakanga

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 30 Myandagaro 2017 saa 04:05
Yasomwe : 7083
0 0

Ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi bumenyesha ko ku munsi wa gatanu igenekerezo rya mbere Nyakanga 2017, ari umunsi w’akaruhuko kugira bafashe aba Islam guhimbaza umunsi w’Intama (Id’El-Hadji).

Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi, ubwo bushikiranganji bumenyesha ko butanze akaruhuko bwisunze itegeko ry’umukuru w’igihugu, bwisunze kandi ikete ry’uwurongoye umuryango w’aba Islam mu Burundi rimenyesha umunsi w’intama.

Muri iryo tangazo, ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi bumenyesha ko umunsi wa gatanu ari akaruhuko ku bakozi ba Reta, ariko abakozi bazowuhemberwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha