IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwatakaje amafaranga bwahora buhabwa (...)

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwatakaje amafaranga bwahora buhabwa n’ikigega c’isi

lundi 16 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ikete Muganga Josiane NIJIMBERE yarungikiwe na Mark Eldon Edington, umukuru w’igisata kijejwe izo mfashanyo zitangwa n’ikigega "Fond Mondial de Lutte contre le Sida, la Tuberculose et le Paludisme", umushikiranganji w’Uburundi ajejwe amagara y’abantu yamenyeshejwe ko ubwo bushikiranganji arongoye butazosubira kuhabwa ayo mafaranga kuva mu ntango z’umwaka uza w’2018. Ayo mafaranga azohabwa ishirahamwe PNUD, igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe iterambere.

Nk’uko biri muri iryo kete, iyo ngingo yafashwe kubera amafaranga atangwa muri ubwo bushikiranganji ariko ntakoreshwe, aho bagatanga akarorero k’imiriyoni zigera kuri 30 z’amafaranga y’abanyamerika zitarakoreshwa mu gihe umwaka w’2017 wimirije guhera. Ubwo bushikiranganji bwagirizwa kandi ko budatanga n’ivyegeranyo vy’ingene amafaranga aba yakoreshejwe, ivyo bikagira ingaruka ku mfashanyo zotanzwe mu mwaka ukurikira, kuko amafaranga y’uwundi mwaka aca ateba gusohoka, nk’uko muri ico kigega c’isi kijejwe kurwanya Sida, igituntu na Malariya babimenyesha.

JPEG - 83.2 ko
Josiane NIJIMBERE, Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA

Amafaranga agera ku miriyoni 72,3 z’amafaranga y’abanyamerika yohawe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kugira akoreshwe mu migambi y’ukurwanya Sida, igituntu hamwe na Malariya mu kiringo co kuva mu 2018 gushika mu 2020 akaba ariyo agiye kuzoca ahabwa ishirahamwe PNUD.

Ikigega c’isi kijejwe kurwanya izo ngwara zitatu catanguye gufasha ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kuva mu mwaka w’2003, amafaranga y’abanyamerika agera ku miriyoni 275 akaba ariyo amaze gutangwa. Ayo mafaranga yafashije gukurikirana abarwayi ba Sida bagera ku 51726 bari ku miti ipfupfahaza, kugura ibikoresho vy’ugusuzuma bigezweho, kugura imiduga n’ibindi.

Ikigega c’isi "Fond Mondial de Lutte contre le Sida, la Tuberculose et le Paludisme" kivuga ko irico cahora kigura ibice 83 kw’ijana vy’imiti ya SIDA, ibice 100 kw’ijana vy’imiti y’igituntu hamwe n’ibice 80 kw’ijana vy’imiti ya Malariya.

Muri ico kigega bamenyesha ariko ko ibimaze gukorwa bidashimsha ico kigega baravye ihangiro, kubera igipfungu kiri mw’ikoreshwa ry’ayo mafaranga hamwe n’amasoko atangwa mu kinyegero.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Hahahaha none mwari mwiteze ko bigenda gute ku ba DD? Namwe murizigira kweri.

  • Ico sico giteye ubwoba kurusha. Igiteye ubwoba ngiki: iyo Louis Michel atanguye ama conferences ku Burundi inganda ziba zigiye gutikira. Aba ariko ategura opunion kugira ibigiye gushika vyakirwe n’amakungu. Abahutu mube murimba mwigera. Mwibuke ivyakwirikiye uwo nyene akwira isi na Barankitse Maggy n’abandi. Ubuho ni sindamusiga.

  • Ni inzego nyishi iyo ziba zitwagwa n’abanyamahanga ziba zigenda neza kurusha. Igihugu c’Uburundi caragowe cane. Cavuye mu minwe y’imihimbiri y’i Bururi kigwa mu minwe y’iyindi mihimbiri y’i Ngozi. Kizokizwa nande?

  • Akari inyuma karahinda DD ntakigenda nabivuze kera,mbe ko Imbonerakure zitagiye mu mabarabara kuvyiyamiriza?hhahah Union Europeene igiye kugara vyose,hama murindire gatoyi ejo bundi Nyakubahwa Paul Kagamé arongore Union Africaine,asha Peter yacanye umuriro none ari kuwota,na bado

  • Ingaruka z’amaraso y’inzirakarengane atanguye kubasama,harya ngo CNDD-FDD muwaripanze ngo murakomeye?hhhahahaha rindira sha babakosore,fimbo chapa

  • Jewe hari ikintu ntumva. Muri birya bihumbi n’ibihumbi vyirirwa mw’ibarabara uko bukeye uko bwije ngo bariko biyamiriza ivyo biyamiriza, bwa bundi muri bo nta n’umwe azi ibintu vya gestion gushika n’aho imiliyoni z’amadolari zisubiza iyo yavuye? Bwa bundi twabona ivyiruka mu mabarabara tukagira ngo ni abantu.

  • @Busurahende,nanje nama ntangazwa n’ababandi birirwa mu mabaraba ngo bariyamiriza hakaburamwo umuntu n’umwe azi Gestion de projets?i puuu genda DD wazanye akabi kabishe

  • Ariko ntivyumvikana ngo ayo mamiliyoni ngo bayashubije inyuma ariko abarundi bagowe bakiriko koko abazungu babahe amafaranga munanirwe no kuyakoresha n’ubukene buriko buzura inzara ndajorewe kabisa.

  • miss management eeehega sha. mbega mubona dufise ubutegetsi ubundi. honestly je ngendeye kuri background yindongozi zose (sauf cet badnit la Alain Nyamitwe; he is very talkative and defensive) zuburundi ziri missplaced. unqualified and etc.. kumbure ntako batagize kubushozi bwabo. none ivyo ikigega c’isi kijejwe kurwanya SIDA, igituntu hamwe na Marariya asaba Leta ya Nkurunziza gukora mwe muraba vyokogwa nande? gute ? nande? a base de qoui? ni nde mubona uri qualified kereberera canke kurongora ibikogwa nka biriya. nkurunziza seeeee? Bunyoni seeee? willy seeee? inde ? situation yose yibonekeza muburundi none ni image yi mitekerereza ni mikorere yi ndongozi zacu.

  • @kajambo,reka reka nta ndongozi dufise,nuwo Alain Nyamitwe,ni nka wa mupfu w’ijisho rimwe ahenda impumyi,aba DD bose je mbona bateye nk’impumyi,ntiwo kwiy’associa n’Interahamwe ngo ukore ibintu bizima oya ntiboshoboka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.