IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwasohoye urutonde rw’ibidandazwa (...)

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwasohoye urutonde rw’ibidandazwa bitariha ikori

lundi 15 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ivyo biribwa vyakuweko amakori gushika kuwa 27 Mukakaro 2017 ni inyumbati, ifu y’imyumbati, intete z’ibigori, ifu y’ibigori, umuceri hamwe n’ibihagage vyumye.

Reta y’Uburundi yaheruka kwemeza itegeko rivuga ko ibidandazwa vy’ugufungura bimwe bimwe vyinjizwa mu Burundi bitazorihishwa amatagisi n’amakori mu kiringo c’amezi atatu. Ico kiringo ni ico kuva kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2017 gushika kuwa 27 Mukakaro 2017.

Iryo tegeko nomero 1/010 ryo kuwa 27 Ndamukiza 2017 vyari bitegekanijwe ko ritanguye gushirwa mu ngiro uwo munsi nyene riterwako umukono, nk’uko biri muri iryo tegeko ryemejwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ariko urutonde rw’ivyo bidandazwa rukaba rwasohotse kw’igenekerezo rya 12 Rusama 2017, ni ukuvuga inyuma y’indwi zibiri iryo tegeko ryemejwe, nk’uko tubikura mw’itegeko nshikiranganji nomero 540/769/2017 ryateweko umukono na Domisiyano NDIHOKUBWAYO, umushikiranganji w’ikigega ca Reta.

JPEG - 56.8 ko
Domisiyano NDIHOKUBWAYO, umushikiranganji w’ikigega ca Reta

Messages

  • None nkivyo bifashije iki?,amezi atatu ntacazohindura kumunyagihugu asazwe yu garijwe ninzara, nkigitigiri kinini cabenigihugu batuzwe nugusuma mwisoko. Ayo matagisi namakori yokubifungurwa ya rakwiye gufutwa burundu, bivanye nuko abenigihugu beshi atamatongo akwiye bagifise yo kurima kugira ngobaronke umwimbu ukwiye!.Hano muburundi haribintu vyishi vyogutozwa amatagisi!,sinzi igiharuro bakoresheje,canke mwayo mezi3 sinzi kwabarundi twese tuzoba twamaze kuzuza ibigega mumazu!?, ivyo nkajewe nsazwe nkurikirana ubuzima bwumunyagihugu mutomuto abayemwo, ndavyita nkuguhenda umuntu nguramufashije,canke murindi jambo tuvyita imponjo, kuko imponjo ntihaza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.