Ubushikiranganji bw’imigenderanire bumenyesha ko bwatangajwe n’ingingo y’ubuyobozi bwa COMESA

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 23 mai 2018 saa 03:41
33825
0 0

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, bumenyesha ko bwatangajwe no kubona ubunyamabanga bukuru bw’isoko rihuza ibihugu vyo hagati no mu bumanuko COMESA, bumenyesha ko inama yobereye mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 1 gushika kurya 10 Ruheshi 2018, yimuriwe ku rindi sango no mu kindi kibanza. Ubushikiranganji bukamenyesha ko ari agasuzuguro k’igihugu kigengwa n’amategeko.

Mu rwandiko rw’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu rwo kur’uyu wa 18 Rusama 2018 , ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko bwatangajwe n’ivyashikirijwe n’umunyabanga mukuru wa COMESA haba mu vyo yanditse ku bijanye n’uko ibintu bimeze mu Burundi, mbere n’uburyo yatanzemwo ayo makuru.

Muri iryo tangazo, ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, amenyesha ko ibijanye n’amahoro n’umutekano mu Burundi, arivyo umunyamabanga mukuru wa COMESA yafatiyeko mu kwunguruza iyo nama, afatira ku gitero c’iterabwoba cabaye mu Cibitoke ku kirometero kimwe gusa n’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, ivyo n’avyo kandi biri muri Afrika nk’ahandi kw’isi.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu burahumuriza ibihuu bigize COMESA ko mu gihugu ari amahoro, bukisunga amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, ko kubwabo yabaye mu mahoro n’umutekano.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu busaba abategekanijwe kwitaba iyo nama batariyandikisha kubandanya babikora.


Kumenyekanisha

1
gato alle 26-05-2018 à 05:11

namwe muraraba muze mwikebuka murekekumera nka kagame burya uburundi bwahorana iteka nimwikebuke gusa amahoro azizana mugabo muburundi ntabwo harumugabo umwe mpore kirimwabagabo bashitsubugabo ntibatugaye hindura virgure ibe actrof

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha