IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati buvuga ko hari Abarundi bataratahura (...)

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati buvuga ko hari Abarundi bataratahura Demokarasi

jeudi 19 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Gitugutu 2017, Uburundi buzokwibuka imyaka 24 iheze incungu ya Demokarasi igandaguwe. Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bavuga ko Abarundi bose bari bakwiye kumenya ko ivyabaye ari ikibi kibishe kidakwiye gusubira kuba mu Burundi.

Therence NTAHIRAJA, umwunganizi akaba n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko muri Demokarasi, agateka ka zina muntu gategerezwa gusonerwa, umuntu wese akubahirizwa mu biwe no mu vyiwe, kuko ivyo arivyo bigize intambwe ntangere y’ugushimangira Demokarasi Melchior NDADAYE yaharanira.

Therence NTAHIRAJA avuga ko Uburundi bwari bugeze ku ntambwe ibereye ya Demokarasi, ariko hari Abarundi bataranyurwa.

"Biracagaragara ko hakiriho Abarundi bamwe bamwe bataranyurwa n’inyigisho z’ugukunda igihugu hamwe n’iza Demokarasi. Abarundi mwene abo bariyerekanye mu matora y’2015 nk’uko mwavyiboneye, aho guhiganwa mu matora bahisemwo gutera umudugararo mu gihugu. Mwaravyiboneye kandi aho kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015 bifatanya n’abasirikare n’abaporisi bashatse gutembagaza ubutegetsi bwitorewe n’abenegihugu. Ntibigasubre kuko bikora mu nkovu abarundi mu kubibutsa ingene incungu ya Demokarasi Nyencubahiro Melchior NDADAYE yagandaguriwe hamwe n’abafasha biwe."

JPEG - 31.9 ko
Therence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu

Ubushikiranganji b’intwaro yo hagati mu gihugu busaba ba Buramatari bose b’intara zigize Uburundi ko bohimiriza abanyagihugu barongoye kugira bazokwitabe ibirori vy’ihimbazwa ry’imyaka 24 iheze Melchior NDADAYE incungu ya Demokarasi agandaguwe kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu 1993.

"Ba Buramatari b’intara, umukuru w’igisagara ca Bujumbura naba Musitanteri basabwe kurarika abanyagihugu bose kugira baze bitabe ari benshi ibirori vy’ukwibuka igandagurwa ry’incungu ya Demokarasi mu Burundi.

Muri ubwo bushikiranganji bavuga kandi ko kuri uwo munsi ata n’umwe arekuriwe kwambara ikintu cose kiranga umugambwe arimwo. Imigambwe yose ikaba yatumiwe kuzoshira ingori z’amashurwe mu bibanza vyategekanijwe. Amadarapo azoduzwa kugera hagati kuri uwo munsi w’igenekerezo rya 21 Gitugutu 2017.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.