Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwasubiye kwibutsa ko imiryango izoterera amatora

Yanditswe na Oscar NDAYISHIMIYE
Kuya 23 mars 2018 saa 05:09
16095
0 0

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko,umuryango umwumwe waba uw’abanyagihugu canke uw’abakozi ba Reta ugiye gutanga intererano y’amatora ingana n’amafaranga 2000 y’amarundi.

Mu kiganiro abavugizi b’inzego za Reta bahaye abamenyeshamakuru, kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Ntwarante 2018, mu ntara ya Gitega, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati ThérenceNTAHIRAJA ,yamenyesheje ko hagiye gushirwaho ama “reçus” azoba yanditseko “Amatora meza”, azokoreshwa mu gutoza intererano.

Iyo ntererano y’amatora ku miryango y’abakozi ba Reta ije yiyongera ku ntererano bari bagize iminsi batanga ikurwa ku mishahara yabo.

Umukuru w’igihugu, inama nshingamateka, inama nkenguzamateka, ubushikiranganji butandukanye, n’ibindi bisata bikorera mu gihugu, hamwe n’abantu ku gatwe kabo,baramaze gutanga intererano y’amatora, bayicishije kuri konte yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha