IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushinwa : Ibisagara bigiye kwubakwa mu kibira

Ubushinwa : Ibisagara bigiye kwubakwa mu kibira

jeudi 29 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Izo nyubakwa zizokwubakwa ku metero 350 z’uburebure uvuye hafi y’inkengera z’uruzi Liujang.

Inyubakwa zizokubakwa zigizwe n’ibiro vya posita, inzu zo kubamwo, amahoteri hamwe n’amashure, hafi yavyo hakazotegwa ibitegwa bitandukanye birenga umuriyoni hamwe n’ibiti 4000, izo nyubakwa zikazoba zigizwe n’uburebure buri hasi y’uburebure bw’ibiti bisanzwe biri aho muri ico kibira.

Bimenyeshwa ko ivyo biti bizoterwa hamwe n’ivyo biterwa bitandukanye bizofasha mu kugabanya ivyoza bicafuza ikirere hamwe no gutuma umwuka mwiza wo guhema uboneka.

Bitegekanywa ko ico gisagara kizokwubakwa hafi ya Liouzhou kizobamwo abantu ibihumbi 30.

Mwomenya ko Ubushinwa bumaze kwubaka ibindi bisagara 2 hafi ya Nanjing mu buseruko bw’Ubushinwa, bitegekanywa ko ibikorwa vyo kwubaka ico gisagara bizohera mu mwaka wa 2020.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.