Incamake

Ubwongereza : Umurundi yatowe kuba umuhanuzi w’akarere i Manchester

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 15 décembre 2017 saa 07:50
27555
0 0

Umurundi wo mu mugambwe w’aba conservateurs Salford Labour Party,aba mu gihugu c’Ubwongereza yatowe kuba umujenama w’akarere mu turere twa Langworthy,Pendleton na Seedley mu gisagara ca Manchester.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, Wilson NKURUNZIZA yatowe ngo asubirire Paul Longshaw yahora ari umujenama yitavye Imana mu ntango z’ukwezi kw’icenda uyu mwaka wa 2017.

Wilson NKURUNZIZA yabwiye BBC ko afatiye ku buzima impunzi zibayemwo, akaba ari naco gisata yari asanzwe akoreramwo,azobandanya akora kugira impunzi zisununure mu buzima bwa minsi yose.

Wilson NKURUNZIZA yari asanzwe akora mw’ishirahamwe ritegamiye Reta rikorana na kaminuza y’i Salford, rifasha kwigisha abarondera uburuhungiro,abamaze kuba impunzi hamwe n’abimukira.


Kumenyekanisha

1
Njangwa mudini 17-12-2017 à 14:15

Ahonisawa.murundi shingimizi iburayi

2
Busurahende 16-12-2017 à 06:31

Wilson Nkurunziza ndamukeje caaane kuko akora ibikora inka.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha