IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA azosubira kwitoza niyabisabwa n’Abarundi

Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA azosubira kwitoza niyabisabwa n’Abarundi

samedi 17 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro c’abavugizi bose b’inzego za Reta y’Uburundi cabereye mu ntara ya Cankuzo kuri uwu wa gatanu, Jean Claude KARERWA NDENZAKO, avugira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko Abarundi basavye ko umukuru w’igihugu bomwitorera, akemererwa n’ubusubira kwitoza. Uwo avugira umukuru w’igihugu amenyesha ariko ko Abarundi batasavye ko ibiringo vy’umukuru w’igihugu vyovanwaho, ahubwo ko basavye ko ibihetangabo arivyo vyovanwaho muri iryo bwirizwa shingiro. Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA NDENZAKO arasigura icarico ibihetangabo.

"Ibihetangabo ni ukuvuga ko umuntu atowe mu kiringo c’imyaka itanu, ashobora gutorwa mu kindi kiringo c’imyaka itanu, n’iyindi itanu n’iyindi, kugeza aho Abarundi bavuga bati n’ukuri niwigire ivyo wakoze turashima dushaka uwundi. Ivyo rero ko abarundi babisavye nibubahirizwe, ijambo ryabo nta wundi ashobora kurivuguruza."

Jean Claude KARERWA NDEZAKO akamenyesha ko Abarundi nibashaka ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asubira kwitoza azovyubahiriza, akavuga ko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi rihindutse azoba ari ibisanzwe, nk’uko vyakozwe no mu bindi bihugu.

Tubibutse ko umurwi w’igihugu CNDI ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi, mu cegeranyo wasohoye, wamenyesheje ko benshi mu bantu bumvirijwe n’uwo murwi basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotorwa ibiringo birenza bibiri, agatwara igihe cose abanyagihugu bomwizera.

Umukuru w’uwo murwi, Musenyeri Justin NZOYISABA avuga ko abanyagihugu basavye ko ibwirizwa shingiro ryoja hejuru y’amasezerano ya Arusha, abahoze barongoye Uburundi ntibasubire gushirwa mu nama nkenguzamateka ubuzima bwabo bwose nk’uko biri ubu, ahubwo bakabanza guhiganwa n’abandi mu matora kugira baje muri urwo rwego.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.