Accueil > Amakuru > u Burundi > Umufasha w’umuhuza yarahaye umubonano abatavugarumwe na Reta y’Uburundi
Umufasha w’umuhuza yarahaye umubonano abatavugarumwe na Reta y’Uburundi
mercredi 21 février 2018
Bimwe mu vyaganiriwe muri uwo mubonano, ni ibijanye n’ibiganiro bihuza abarundi,hamwe n’ibijanye n’ibwirizwa nshingiro rishasha ryahinyanyuwe.
Abitavye uwo mubonano basavye umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa ko ibiganiro bihuza abarundi vyosubira gutangura, amasezerano nayo aboneke ayo boshirako umukono.
Bamwe mu bitavye uwo mubonano bavuye hagati mu gihugu n’icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU Leonce NGENDAKUMANA,Evariste NGAYIMPENDA hamwe n’intumwa y’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, nayo mu bavuye hanze y’igihugu bari bagizwe n’abantu 3 barongowe n’umukuru wa CNARED Muganga Yohani MINANI.

Amakuru dukesha iradiyo ijwi ry’Amerika amenyesha ko umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa azotanga icegeranyo c’aho agejeje igikorwa yahawe n’akarere mu matati y’Uburundi mu nama rukokoma izohuza abakuru b’ibihugu vy’umurynago wa Afrika y’Ubuseruko.
Ayo makuru abandanya avuga ko inama y’abakuru b’ibihugu vy’uyo muryango aribo bazotanga iyindi ntumbero y’ingene ivyo biganiro vyogenda.

Naho ibiganiro biheruka vyabaye mu kwezi kwa Kigarama umwaka uheze wa 2017 vyamaze hafi indwi zibiri, vyarangiye ata masezerano abonetse nk’uko vyari vyitezwe.
BIKORIMANA Vianney