Umugambi wo guhimiriza abantu kwikingira impanuka ziturutse ku nkuba waratangujwe

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 10 Munyonyo 2017 saa 04:33
Yasomwe : 6732
0 0

Mu gihe haheze iminsi haba amasanganya mu mihingo itandukanye y’igihugu aturutse ku nkuba, umugambi wo guhimiriza abenegihugu ku kungene bokwikingira inkuba waratangujwe na cane cane mu bice vya Rumonge hamaze kwigaragaza cane izo ngorane.

Nk’uko bivugwa n’uwutwara igiporisi kijejwe gukinga impanuka, NTEMAKO Antoine,, amasanganya aturutse ku nkuba arakingwa.

"Turiko turakorana n’abajejwe intwaro ku rwego rwo hejuru kugira ngo bahimirize abantu kwikingira inkuba, nk’ahantu hahurira abantu benshi, nko ku mashuri, ku mavuriro, n’ahandi. Abantu barakwiye kwijukira kugura ivyuma bikinga inkuba ’’paratonnerre’’ bikinga amasanganya y’inkuba ".

JPEG - 25.9 ko
NTEMAKO Antoine, umukuru w’igiporisi kijejwe gukinga impanuka

Arongera akamenyesha ko bagiye gukorana n’abahinga bafise ubumenyi bukwiriye kugira ngo bafashe mu kwigisha uburyo ayo masanganya aturuka ku nkuba yokwirindwa.

Twokwibutsa ko mu kiringo c’iminsi mike, inkuba imaze gukubita abantu mu ntara za Mwaro, Muramvya, Ngozi, na Rumonge.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha