IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe CNDD-FDD uriyamiriza icegeranyo ca Human Right Watch

Umugambwe CNDD-FDD uriyamiriza icegeranyo ca Human Right Watch

samedi 21 Nzero 2017

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko utemera ibiri mu cegeranyo c’ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu Human Rigth Watch,aho ryagiriza urwaruka rw’imbonerakure rw’umugambwe uri ku butegetsi ko rukora ibikorwa vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu mu Burundi.

Nancy Ninette MUTONI avugira umugambwe CNDD-FDD amenyesha ko ibiri mu cegeranyo c’ishirahamwe HUman Right Watch ari uburyo bwo kudendereza urwo rwaruka,nkuko bamye babikora mu guha ishusho itariyo urwo rwaruka.

Umuvugizi w’umugambwe CNDD-FDD amenyesha ko urwaruka rw’imbonerakure rukorana neza n’abandi nkuko bikorwa n’abandi banyagihugu mu gutsimbataza amahoro n’umutekano,kandi ko rwihaye intumbero yo guteza imbere igihugu.

Nancy Ninette MUTONI avuga ko urwaruka rw’imbonerakure ruri mu makomite y’umutekano ,mu ntumbero yo gukorana neza n’abajejwe intwaro,abajejwe umutekano hamwe n’abajejwe ubutungane.


IGIHE

Messages

  • Nibemere ko bahohotera agateka kazina muntu.

  • Iyo.numvise ivyabo baja ba shetani.badebagura umwanyumwe umengo notwenga ariko.uyundi mwanya ugasanga barababaje cane kubona bigira abahinga kandi ari aba menja ahubwo bakwiye guhindura izina abakitwa ihuriro ry.amashirahamwe y.abamenja nikuvuga:I.A.A.ibirenzaho imana niyo ibizi landi yiteguy guha agashimwe kuwurementaniriza uwari wese kw.isi.komera cndd-fdd

  • mbe imbonerakure niki police c igihugu konumva bavugako zikorana nabajejw umutekano nubutungane mbe ntakipolisi kikiriho cagwa ikisirikare ntabikiriho muburundi busigaye butwabwa nimbonerakure.arko nivyo kuko abaporisi na basirikare baragurishijwe mubindi bihugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.