Umugambwe CNDD-FDD usaba amatohoza ku bwicanyi bw’i Buganda

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 13 mai 2018 saa 02:31
30090
0 0

Umugambwe CNDD-FDD usaba amakungu kwiyamiriza yivuye inyuma ubwicanyi bwahitanye abantu 26 ku mutumba Ruhagarika, komine Buganda, mu ntara ya Cibitoke, no gufatira ibihano ibihugu bihaye indaro abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Mw’itangazo umugambwe CNDD-FDD wasohoye inyuma y’amasaha makeya ubwo bwicanyi bubaye, uwo mugambwe umenyesha ko wakiranye umubabaro igitero c’iterabwoba cabereye ku mutumba Ruhagarika, komine Buganda, intara ya Cibitoki.

Umugambwe CNDD-FDD, usaba ababijejwe gukora ibishoboka vyose mu gukora amatohoza, kugira bahashe kandi bakure mu gihugu abatera ubwoba abanyagihugu basanzwe bari mu mahoro.

Muri iryo tangazo, umugambwe CNDD-FDD usaba abrundi kubungabunga amahoro n’umubano mwiza, babicishije mu mirwi y’umutekano ihurikiwemwo na bose.


Kumenyekanisha

1
ndayishimiye 15-05-2018 à 16:21

nukuri birababaje

2
xx 15-05-2018 à 09:56

ababikoze mubabonye mwabakoraho iki ? nibwo bwambere ? amahoro abe kubanyarwanda

3
Busurahende 15-05-2018 à 09:53

Ubu murahagurutse musaba amakungu ico yokora. Imyaka itatu iraheze abantu bapfa, banyuruzwa, bicwa bagasukwa mu nzuzi no mu biyaga. No kuri iyi ndwi za Ntega na hehe ibara ryaraguye. Ko mutarugoboroye ?

4
BOSCO SINDAYIGAYA 13-05-2018 à 22:22

NONE ABOBANTU BARATINYA IMANA.KANDI BAMENYE KO ABOBANTU BICA BAREMWE NKABO.N’IBITEGE UKUBOKO KUWITEKA.BARYANGO MWABUZE BANANYA MWIHANGANA IMANA NIYOMUHOZA.SAWA UWITEKA ANDAYE KUTUYOBORA MUKUBO KWAYO.

5
Ndayi Fred 13-05-2018 à 18:57

Nukuri Nukuri Abakoze Ubwo Bwicanyi Kuri Izo Nzirakarenga Bagahekura Uburundi N’Abarundi Bakoze Icaha C’agahomerabunwa "crime Contre L’humanité" Kandi Bamenye Ko Imana Yo Nyene Kubaha Ubuzima Izobibabaza

6
Umwari diego 13-05-2018 à 17:39

Nukuri birateye agahinda dusaba inzego zumutekano gukurikiranira hafi icokibazo murakoze

7
John bangicenge 13-05-2018 à 15:57

Ko basaba amakungu ngo yiyamirize ivyaraye bibaye bibabaje abo mwirigwa mwica ko mudahora mwera ico amakungu abahanura ubu ico yovuga mwocemera ?ntakindi Atari ibiganiro Abo Bose ntakindi bazira akagazo Kanyu ubu mugiye kwicisha abantu mpaka 2034 ubwo Burundi buzotogwa nabagenya uburo !!!!!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha