IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe MSD urashima ingingo ya CPI yo gutanguza amatohoza mu (...)

Umugambwe MSD urashima ingingo ya CPI yo gutanguza amatohoza mu Burundi

samedi 11 novembre 2017

Epithace NSHIMIRIMANA avugira umugambwe MSD avuga ko ari intsinzi idasanzwe ku butungane mpuzamakungu, kandi ko vyari bikwiye kubera icigwa ubutungane bw’uburundi n’ubwa Afrika.

Umuvugizi w’umugambwe MSD yibutsa kandi ko ibihe vyahindutse, kuko mu kinjana turimwo ata muntu agishobora gukora amabi, hanyuma yiyumvire ko bizoherera ngaho bitazomenyekana.

JPEG - 21.4 ko
Epithace NSHIMIRIMANA,Umuvugizi w’umugambwe MSD

Uwo avugira umugambwe MSD atera akamo abarundi bose nabanywanyi b’umugambwe MSD kubandanya kwandika amabi abandanya gukorwa, bongere babishikirize aho basanzwe babishikiriza, kuko ababikora bategerezwa kuvyishura.

Umuvugizi w’umugambwe MSD arangiza asaba abashingwamanza bemeye kwitangira imiryango yababuze kutadebukirwa, akemera ko abanywanyi b’umugambwe MSD bazobandanya kubashikiriza ibikenewe.

Kuwa kane igenekerezo rya 9 Munyonyo 2017, niho sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI yamenyesha ko igiye gutanguza amatohoza ku vyabaye mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 26 Nushika kw’igenekerezo rya 25 Gitugutu 2017.

JPEG - 67.1 ko
Aimeé Laurentine KANYANA,umushikiranganji w’ubutungane

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, babicishije k’umushikiranganji w’ubutungane Aimeé Laurentine KANYANA bariyamirije iyo ngingo bakavuga bazokwigera barana n’iyo Sentare mw’ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo bafata nk’intambara itangujwe mu Burundi na CPI.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.