IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhari FPB usaba John MAGUFULI gufasha mw’irekurwa ry’indongozi (...)

Umuhari FPB usaba John MAGUFULI gufasha mw’irekurwa ry’indongozi zawo

lundi 27 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo muhari w’abarwanyi ba FPB umenyesha ko Reta ya Tanzaniya itabikoze uko bizogira ingaruka kuri ico gihugu cakiriye ibiganiro bihuza abarundi vyatanguye kuri uwu wa mbere, vyongere kandi bigire ingaruka ku mwunganirizi w’umuhuza Benjamin William Mkapa bidasize inyuma Yoweri Kaguta Museveni asanzwe ariwe muhuza mu biganiro hagati y’Abarundi.

Mw’ikete umuvugizi w’uwo muhari yandikiye umukuru w’igihugu ca Tanzaniya kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo 2017, Colonel Adolphe Manirakiza yamenyesheje ko bafise ivyemeza ko abarongozi ba FPB bafashwe n’inzego z’igendereza z’igihugu ca Tanzaniya mu nyuma bashikirizwa urwego rw’igendereza ry’Uburundi. Muri FPB bavuga ko ivyo biciye kubiri n’amategeko, kuko bari basanzwe ari impunzi.

Muri ryo kete, Colonel Adolphe Manirakiza yashikirije ko bizeye ko igihugu ca Tanzaniya kitazokwemera ko abarongozi b’uwo muhari bazimangana, kuko ico gihugu camye kirangwa no gufasha abanyafirika mu kugwanya intwaro z’abakoroni hamwe no kugwanya intwaro z’agacinyizo zitwara zishimikije igikenye, na cane cane ko muri kahise ico gihugu cakiriye ibiganiro vy’i Arusha vyo mu mwaka w’2000 vyatumye haba amasezerano yazanye amahoro no gusubiza hamwe hagati y’Abarundi.

Umuhari FPB muri iryo kete uheraheza wibutsa ko uharanira kugwanira amasezerano y’i Arusha, gufasha igihugu kugendera ku butungane hamwe no gutsimbataza imigenderanire myiza y’Uburundi n’ibindi bihugu.

Tubibutseko uwo muhari uvuga ko abarongozi bawo bafashwe kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu 2017 mu karere ka Ngara mu gihugu ca Tanzaniya. Abafashwe ni umukuru w’uwo muhari Major General Jeremie Ntiranyibagira, Lieutenant Colonel Edouard Nshimirimana yari icegera c’umukuru wa FPB, hamwe n’abo bari basangiye amabanga aribo Capitaine Libere Nzeyimana hamwe na Liberate Nzeyimana asanzwe yari afise n’ubwenegihugu bwa Tanzaniya.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.