"Abategetsi nabo bokwirihira umuyagankuba" - OLUCOME

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 10 août 2017 saa 10:12
Yasomwe : 3924
0 0

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME asaba umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA ko yofata mu minwe ikibazo c’iduzwa ry’umuyagankuba, mu gushikiriza Reta y’Uburundi ibibazo vy’abanyagihugu kuri iryo duzwa ry’ibiciro.

Mw’ikete OLUCOME yandikiye umuhuza w’Abarundi, umukuru w’iryo shirahamwe yamenyesheje kandi ko imbere y’uko Reta ifata ingingo y’ukuduza ibiciro vy’umuyagankuba, yari kubanza gufata ingingo ko abategetsi bakomeye b’igihugu bokwirihira amatara n’amazi, aho akaba ari mu gihe bamwe mu bategetsi bakomeye hamwe n’abategetsi mu gisirikare n’igiporisi barihirwa amatara n’amazi.

Ishirahamwe OLUCOME rihamagarira umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA gusaba ihagarikwa iduzwa ry’ibiciro vy’umuyagankuba, Reta nayo igasabwa ko yoriha ibirarane vy’imiriyaridi zirenga 60 ifitiye ishirahamwe REGIDESO. Muri OLUCOME bakabona ko iduzwa ry’ivyo biciro rimeze nk’ukurondera ko abanyagihugu basanzwe bakenye aribo bokwuzuza ibihengeri vy’amafaranga REGIDESO ikeneye.

JPEG - 379.5 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu basigura ko ingingo y’ukuduza ibiciro vy’umuyagankuba yafashwe kugira ikibazo c’ugukuranwa mu kuronka umuyagankuba (Delestage) gitorerwe inyishu. Muri ubwo bushikiranganji bavuga kandi ko ingingo y’ukuduza ibiciro vy’umuyagankuba yafashwe kugira uboneke ku bwinshi, n’abarwizatunga bokenera gushira imiyahe muri ico gisata boroherezwe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha