Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhuza w’abarundi yerekanye amakenga ku bijanye no kurihisha ibituro mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza w’abarundi yerekanye amakenga ku bijanye no kurihisha ibituro mu (...)

Umuhuza w’abarundi yerekanye amakenga ku bijanye no kurihisha ibituro mu gisagara ca Bujumbura

mercredi 26 Mukakaro 2017

Inyuma y’umubonano wahuje umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 25 Mukakaro 2017,umuhuza w’abarundi yavuze ko muri rusangi umugambi wo kurihisha ibituro ari ngirakamaro ariko ukwiye gutunganywa neza.

Umuhuza w’abarundi yavuze ko bigoye kumenya neza aho amafaranga atozwa aja kandi n’abayatoza ata kintu cerekana neza na neza ko ari abajejwe ico gikorwa vy’ukuri.

Umuhuza w’abarundi yavuze kandi ko ibijanye n’ibibanza birihishwa bitaboneka neza,kuko ushobora kuja mu bibanza bitandukanye kandi vyegeranye hose ukariha, gushika naho uriha uhagaritse imodoka imbere y’ahakorera Reta.

JPEG - 70.9 ko
Edouard NDUWIMANA,umuhuza w’abarundi

Umuhuza w’abarundi yavuze ko bagarutse ku makenga yashikirijwe n’abari mu mashirahamwe yakora igikorwa co kwegeranya imicafu, aho bavuze ko batumva ingene ico gikorwa cahawe ishirahamwe rimwe kandi hari hakwiye kuba ihiganwa.

Edouard NDUWIMANA akaba yasavye ko kuri ayo makenga yose, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yotunganya gushasha ivyo bisata, kugira bikorwe mu muco.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.