Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza w’abarundi yerekanye amakenga ku bijanye no kurihisha ibituro mu (...)
Umuhuza w’abarundi yerekanye amakenga ku bijanye no kurihisha ibituro mu gisagara ca Bujumbura
mercredi 26 Mukakaro 2017
Inyuma y’umubonano wahuje umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 25 Mukakaro 2017,umuhuza w’abarundi yavuze ko muri rusangi umugambi wo kurihisha ibituro ari ngirakamaro ariko ukwiye gutunganywa neza.
Umuhuza w’abarundi yavuze ko bigoye kumenya neza aho amafaranga atozwa aja kandi n’abayatoza ata kintu cerekana neza na neza ko ari abajejwe ico gikorwa vy’ukuri.
Umuhuza w’abarundi yavuze kandi ko ibijanye n’ibibanza birihishwa bitaboneka neza,kuko ushobora kuja mu bibanza bitandukanye kandi vyegeranye hose ukariha, gushika naho uriha uhagaritse imodoka imbere y’ahakorera Reta.
- Edouard NDUWIMANA,umuhuza w’abarundi
Umuhuza w’abarundi yavuze ko bagarutse ku makenga yashikirijwe n’abari mu mashirahamwe yakora igikorwa co kwegeranya imicafu, aho bavuze ko batumva ingene ico gikorwa cahawe ishirahamwe rimwe kandi hari hakwiye kuba ihiganwa.
Edouard NDUWIMANA akaba yasavye ko kuri ayo makenga yose, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yotunganya gushasha ivyo bisata, kugira bikorwe mu muco.
MUGISHA Van Naris