IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza yasavye ubufasha bw’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko

Umuhuza yasavye ubufasha bw’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko

lundi 20 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Ibiganiro bihuza Abarundi vyari bimaze iminsi ine biriko bibera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya yasozerewe kuri uwu w’Imana. Umuhuza Benjamin William MKAPA yamenyesheje ko agiye gutumako mu minsi ya vuba inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko kugira bamufashe gutora umuti w’ikibazo ca poritike y’Uburundi, hamwe n’ugukuraho inzitizi zituma ivyo biganiro bidindira.

Zimwe mu nzitizi ziriko zituma ibiganiro bitabandanya neza, harimwo ingingo Reta y’Uburundi yafashe y’ukutemera kwicarana mu biganiro n’abo yita "Abansi ba demokarasi bashatse gutembagaza ubutegetsi.", nk’uko vyashikirije na Domisiyano NDAYIZEYE yahoze ari umukuru w’igihugu.

Umukuru w’urunani CNARED, Yohani MINANI yasavye ko mu nyishu zishoboka ari uko Reta y’Uburundi yokwemera Reta y’imfatakibanza, kandi irimwo bose, ikazomara imyaka itatu, umwaka wa mbere ukayoborwa n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Umuhuza MKAPA yamenyesheje ko mu mirwi yari yashizeho muri ivyo biganiro, benshi bahurije ku kwubahiriza amasezerano y’i Arusha, hamwe n’ibwirizwa shingiro benshi bavuze ko ritari rikwiye guhindurwa. Benshi bahurije kandi ku gushikiriza ko impande zose zovavanura n’ugukoresha inguvu, ibisabwa vyose bigakorwa mu nzira y’ibiganiro.

Ibiro vy’umuhuza MKAPA vyavuze ko hari inzitizi zituma ivyo biganiro bitabandanya neza, ariko izo nzitizi zikaba zitashizwe ahabona. Umuhuza yasavye ko vuba hokorana inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko kugira batange ivyiyumviro vy’icokorwa.

Tubamenyeshe ko umuhuza yamenyesheje kandi ko yipfuza ko mu kwezi kwa Ruheshi (Juin) uwu mwaka w’2017, umwumvikano woba wamaze gushikwako hagati y’impande zitavuga rumwe kuri poritike y’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Mudufash turebe ko twokwironkera amahor

  • Mugihe cose Peter Nkurunziza atazosaba imbabazi super power (Rwanda) ntamahoro tuzoronka

  • UBURUNDI BURATEKANYE 100/100. Ntabiganiro n’abicanyi(mujeri).

  • @Burundibwacu,ntugashinyagure sha, kereka nimba nawe uri mu bica abantu, ngo umutekano urahari a 100%

  • Jewe nk’Umurundi akunda igihugu ciwe,ndasavye ko Leta y’u Burundi yosaba ikigongwe u Rwanda ku vyagiriji twababesheye vyose,kuko nibo bonyene bodufasha kuva murizi njyane turimwo,erega duhuje amateka menshi n’u Rwanda,kandi u Rwanda rwofasha kugarukana amahoro mu gihugu cacu

  • Ariko ntuze murabesha. Aho ivo muvuze ngo vyavuzwe na Minani mwavyumvise hehe?

  • Peter ho yokumvikana na kagame uburundi bwosubira kubwa uburundi bwa kera naho nabandanya kwigira ivyo gupingana nawe ntaco tuzoshikaho namahera azoduherana igihugu gitabagane EREGA ABANYARWANDA BARAKUNDA UBURUNDI WEHO ABANTU BADUTANGIYE 500000$ NGO TWINJIRE MURI EAC TANZANIYA YARI YANZE KUYADUTANGIRA ???!!!!

  • kambale@, mu kirundi tuvuga duti: amenyo aragutwenga arayawe. Mbega ivyo uvuga: ngo super power Rwanda, umenyeko akari mu mpene ariko kari mu ntama ko hazoshika igihe urwanda rugasubira mu nduru, ugume wibuka ko Urwanda ata demcratie mufite.Ahubwo Abanyarwanda uyo muba muri ubwenga mwogira ibishobotse vyose mukikura Kagame ariko arabahotora.

  • BALA WUKINA NIVYAMBELE VYALAHEZE NIVYA KABILI BIZOHELA

  • Kugeza iyi Saha mfite agahinda kuburyo U Rwanda rutumvikana ni u Burundi nkibaza ngo mbese turapfa iki barundi namwe banyarwanda ko mbona dufise ururimi ruduhuza twese mwaje tukiyambura amateka mabi tukubaka ibihugu byacu byombi nidukanguke ndabasabye mureke intambara ntacyo yabagezaho njye ndafite imyaka 32 naciye akenge numva intambara mu gihugu cyabaturanyi ndavuga u Burundi mbese izohera ryari?

  • Hariho Abapfa Kwandika Batiyumvira. Mbengo Dusabe Urwanda Imbabazi Wewe Ubivuga Kugira Mwongere Kuronka Umwidegemvyo Wahomuca Ngo Mugaruke Gutera Uburundi Murahumba Ibisaka Vyimbwa Vyarahiye Murakumbuye Ibihitiye Mucibitoke Biva Murwanda? Karibu Nubu Ni Akuna Kulala Nikuryanyene.

  • Emma na hicuburundi muracarunyuma caaaane kuko ivyizigiro vyanyu birikuwinyama namaraso!! Uburundi burimumaboko y Imana . Muritonda iyomuvuga ivyugwanda kuko ivyagwo ntibirikera,iconizeye abarundi beshi barazicobagwanira nicobashaka kandi bazogishikako.Imana niyibikora

  • none abantu banka umwumvikano dufatiye nko kuri reta y,Uburundi wumva ubundiho twebwe abarundi badushakira amahoro?nibarabe bikebuke twe dusaba amahoro.

  • Hahaa Mbe Minani NabobarikumwbArondera Leta Yamagabura Nyama?Azorindira Amaso Ahr Munzira.

  • @ Cbla Rouge,
    Barya bariko barasohora amajambo yogushimagiza Satani womubiyaga binini (Kagame)
    Barabizineza ko ivyobavuga atarivyo.
    Ariko gusa najewe nakomeje kuribwaribwa ngo uburundi budugire kumabi Kagame yariko arakorera uburundi nabarundi ngomaze dushike Rwanda tuce tuboneraho gutabara isinsi ryabanyarwanda babohewe mumugongo, ikibazo turiko turagira birikobiragenda bigabanura umurego kubera biriko biraca mubiganiro.
    Ariko abanyarwandabeshi barimurwanda bakomeza batubwirako tudakosoye Kagame ngobobo ntibazobona ukobamwikura, kuko yaba abanyagihugu canke mubajeje umutekano bobavugako twambikanye nu Rwanda ko ahoguhangana bocabaza kudusanganira bakaca baherangaho mugutanguza urugamba rwokwikura Kagame .
    Ngwariko nitutabigira bobavugako arivyasebikunze baramwikura Kagame icobita kumwivumburaho bitarenze imyaka 2

  • ABO BANYA POLITIQUE NI BATUREKE TUBAKIRANURE. AYO MA BWIRIZWA SHINGIRO NI BAYADUHE IRIHINYANYUY NIRYAKERA TUBAHITIREMWO.BARADUTWARIRA KUK TWBASHIZEHO,KANDI KUVY BATUMARIY

  • ABO BANYA POLITIQUE NI BATUREKE TUBAKIRANURE. AYO MA BWIRIZWA SHINGIRO NI BAYADUHE IRIHINYANYUY NIRYAKERA TUBAHITIREMWO.BARADUTWARIRA KUK TWBASHIZEHO,KANDI KUVY BATUMARIY

  • KUBERIKI ABAKOZE GENOSIDE MURWANDA BABAHIZF NKIMPONGO KWISI YOSE; NATWE DUSHAKA ABATEGUYE COUT DETA KO BOFATWA ATARAHO IBIGANIRO LETA NDAYISAVYE IREKE KUBIJAMWO

  • Uburundi buratekanya none Ntibantunganya cyangwa Nzomukunda botaha aruko hatari amahoro??? Ese Nkurunziza yananirwa kwica ibyo bifi binini hanyuma akica ba Nyarucari????Nimutahe mwese muri za Mahama kuko Kagame narakara azabakubita agafuni.

  • UMWUMVIKANO NIMWIZA ESIMANA YODUFASHA BIKAGENDANEZA !

  • inyishuyibiganiro namatora ya 2020

  • inyishuyibiganiro namatora ya 2020

  • Abobantubatavugarimwenaretayuburundi.Iconoyisaba.Nibave.Iyobagiyebazebasa.Ibigogwenibamarakukironka.Bonekugira.Icobazaretayuburundikuko.Barakoshejecane.Kandinuwomuhuza.Ntaze.Abere.Ehengamire.Ahanahariya.Azabisabimana.Yasame.Mazimananayoyivvgire.Muhezagigwekonacumwadusavye.Icotwiyura.Niryotambonkumwenegihugucuburundi

  • Ese ico cifuzo cumuhuza coja mungiro

  • JEWE AHUBWO SIMENYA ICO MWIYUMVIRA ,NTIHAGIRE UZOSUBIRA KUVUGA AMASEZERANO YI ARUSHA @ KIRYA GIHE HALI MUNTAMBARA ;KANDI MUNZEGO ZIGIHUGU HATEGEKA UMURYANGO UMWE ; JEWE SIMVUGA UBWOKO KUKO MUBURUND NTAMOKO AHARI URURIM NIRUMWE @ KANDI IVYO KUVUGA NGO HABEHO RETA MFATA KIBANZA ,NTIDUKENYE KUVYUMVA MUMATWI YACU. .

  • hatutaki mambo yamzunguko eti kuwe selikari kugawana madaraka nchini burundi mheshimi Mkapa hatujazarau maamzi yako , kitu muhimu unatakiwa kuwasikiliza wananchi wa burundi sio usikilize watu waliofanya washauri waje wajibu mashitaka kufanya mapinduzi.

  • NIBEMERE NA BUYOYA YAREMEYE IBIGANIRO KANDI ARATANGA IGIHUGU KU NEZA!

  • Uburundi umuhuza ni umwe gusa . "URUSASU" kurasa iriya mihirimbiri ya ba DD

  • Jewe Nibazako Nyose Bobirekerimana Guko Ababimfa Unomusibose Nabazobimfa Ejo bose Ntavyobazoshobora Ureste Imana Yonyene Gusa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.