Umukobwa wa Willy NYAMITWE yagenwe mu burongozi bw’Abarundi bo mu Bushinwa

Yanditswe na IGIHE
Kuya 19 Gitugutu 2017 saa 10:16
Yasomwe : 62532
2 0

Umukobwa wa Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi niwe yagenwe kugira aserukire vy’imfatakibanza ishirahamwe ry’Abarundi baba mu gihugu c’Ubushinwa. Glynis Carrel NYAMITWE NISHEMEZWE avuga ko yemeye igikorwa yahawe.

Nk’uko biri mu rwandiko rugena Glynis Carrel NYAMITWE NISHEMEZWE mu burongozi bw’Abarundi baba mu Bushinwa, rwateweko umukono na Jean Japhet Legentil NDAYISHIMIYE atwara ishirahamwe ry’Abarundi bo kw’isi yose baba mu mahanga, uwo yagenwe vy’imfatakibanza yahawe igikorwa c’ugutegura amatora mu kiringo kitarenze amezi atatu, kugira ashireho inzego zose z’ubuserukizi bw’Uburundi mu Bushinwa.

JPEG - 16.1 ko
Glynis Carrel NYAMITWE NISHEMEZWE, umukobwa wa Willy NYAMITWE

Glynis Carrel NYAMITWE NISHEMEZWE, umukobwa wa Willy NYAMITWE avuga ko yemeye igikorwa yashinzwe.


Kumenyekanisha

1
felix Bastien 22-10-2017 à 04:33

Mr Kararuza,nkumenyesheje ko ayo majambo yawe ari ayo guc,intege abandi bashaka guhangana n,ayamashiramwe yanyu ngumutsi mufise hirya no hino za canada n,ahandi.Mbe yo ko atwarwa n,abana babahoze bagipfukamye munda vya vrai ko ataco ubivugako.

2
Dumbuli 20-10-2017 à 12:55

Abana b’abategetsi nabo baca baba abarongozi, mugabo mwene nahonikora azaba uwande? Nyamitwe Nishemezwe Conglatulation, uzogume urongore ico gisata tuzogutora.

3
Hicuburundi 20-10-2017 à 12:50

@ Kararuza ivyo uvuze nivyo kweli so akwanka akuraga iragi ryamunaniye,uyu murondo wa Willy Nyamitwe bashoye muri politique arambabaje,

4
Kararuza 19-10-2017 à 16:03

So ankwaka akuraga iragi ryamunaniye

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha