Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA yahamagariye urwaruka kuzokwitaba amatora y’ibwirizwa shingiro

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 3 Ndamukiza 2018 saa 02:52
7965
0 0

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ahamagarira urwaruka rwo mu Burundi kwifatanya n’abandi barundi mu gikorwa co kwerekana aho bahagaze mu mpinyanyuro y’ibwirizwa shingiro ry’igihugu c’Uburundi. Uwutwara Uburundi asaba kandi urwaruka kwitaho kazoza karwo.

Mw’ijambo yashikirije kuri uwu wa kabiri, mu birori vy’ugutanguza ihuriro Kaminuza ry’urwaruka ry’umwaka wa 2018, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye urwaruka kwirinda inyosha mbi, hamwe n’ukutama bizeye ko Reta ariyo nyishu y’ibibazo vyabo.

"Mukomeze amahoro n’umutekano aho muherereye, mwime amatwi inyosha mbi naba sesankuyoze. Ihate mu gutorera inyishu ibibazo bimwe bimwe vyanyu, ntimwame muhanze amaso Reta muri vyose, ahubwo muyisabe kubunganira. Tubahagariye kurangwa n’ubumwe, urukundo n’ugushigikirana, muje hamwe mu mashirahamwe."

Umukuru w’igihugu avuga ko atazokwihanganira uwuzokwerekana intumbero y’ukuyovya urwaruka.

"Turamenyesheje ko tutazokwihanganira uwo wese yaba umurundi canke umunyamahanga afise intumbero y’ugucuvya n’ukuyovya urwaruka rw’Uburundi, turazi ko izija guhona zihera mu ruhongore."

Ihuriro kaminuza ry’urwaruka ritunganijwe ku ncuro ya gatatu, ku murwa mukuru w’intara ya Gitega, ku civugo : « Kuzirika igihugu n’uruhara rw’urwaruka mu gutegura kubu kazoza keza no kugikunda. »

Iryo koraniro ryatanguye kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 3 Ndamukiza 2018, bikaba bitegekanijwe ko rizorangira kuwa kane, igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2018.


Kumenyekanisha

1
NIYONGORE JOACHIN 3-04-2018 à 21:38

Andika hano

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha