Incamake

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahawe agashimwe kitiriwe Mandela

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 27 décembre 2017 saa 12:55
66645
0 0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yaronkejwe agashimwe kitiriwe Mandela,akaba yashimwe n’umugwi utunganya itangwa ry’ako gashimwe kuba yaritwaye nk’intwari aho Uburundi bwari mu bibazo vy’indyane z’ubwoko zitewe n’abanyamahanga hamwe no kugira ingendo yo guteza imbere igihugu ata mfashanyo mvamakungu ikoreshejwe.

Umukuru w’igihugu yahawe ako gashimwe kw’igenekerezo rya 23 Kigarama 2017, akaba ari kumwe n’abandi bakuru b’ibihugu babiri bo muri Afrika y’Ubuseruko, nabo bahawe agashimwe.

Umukuru w’igihugu wa mbere ni Muganga Pombe Joseph Magufuli, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, akaba yashimwe ko yakoze mu kubangabunga amahoro n’umutekano wa Afrika y’ubuseruko,intwaro yiwe ikaba irangwa n’ukurwanya igiturire, n’abasesagura itunga ry’igihugu, guteza imbere indero no kurwanya ubukene.

Umurwi utanga agashimwe kitiriwe Mandela wahaye kandi agashimwe umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta, kuko aharanira intwaro rusangi no kwubahiriza amategeko kubijanye no kugabura ubutetsi.

Agashimwe kitiriwe Mandela kakaba kashizweho n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU itariki 7 za Ruheshi 2014, inyuma yaho Mandela yitavye Imana.

Intumbero y’ako gashimwe ikaba ari iyo guha intege abitanga mw’iterambere rya kiremwa muntu, gutyo ubutwari bwa Mandela bwame bwibukwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha