Umukuru w’igihugu agiye gushira umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 juin 2018 saa 02:47
33480
0 0

Ubuyobozi bujejwe gutunganya ibikorwa vy’umukuru w’igihugu bumenyesha ko umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA azoshira umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha kuwa kane igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018, muri komine Bugendana, intara ya Gitega.

Mw’ikete yandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal BARANDAGIYE, Zephyrin MANIRATANGA ajejwe gutunganya ingendo z’umukuru w’igihugu, akaba ajewe no gutegura iminsi mikuru ya Reta, amenyesha ko, kur’uwo munsi kazoba n’akaryo ko kurishikiriza abanyagihugu.

Zephyrin MANIRATANGA, asaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, gutumira ba buramatari b’intara, ba musitanteri, abarongoye imigambwe, n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike n’abarongoye amadini, kugira bitabe ico gikorwa.

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, umurwi CENI uca umenyesha ibiharuro mfatakibanza kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2018.

Kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2018, niho sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeza ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, ica ivuga ko ibirego vyatanzwe n’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ko amatora yaranzwe n’utunenge, bidafise ishingiro.


Kumenyekanisha

1
Bowas Tanu 6-06-2018 à 21:08

sinya sha mutama ibwirizwashingiro ryacu zamujeri zimaramare

2
ndayikengurukiye vianney 5-06-2018 à 13:33

akarinyu,a karahinda reka turindire yamara haa nitwaramba turobona pee

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha