Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu aragabisha abunguruza abantu mu miduga ishaje
Umukuru w’igihugu aragabisha abunguruza abantu mu miduga ishaje
dimanche 31 décembre 2017
Mu kiganiro yaremesheje ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza, kuwa gatanu igenekerezo rya 29 Kigarama 2017, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye abakorera mu gisata co kwunguruza abantu, gukoresha imiduga myiza kandi minini.
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko Reta itazokwihanganira akajagari mu gisata co kwunguruza abantu n’ibintu, biciye mu kureka ababishoboye atari ababishaka,gukorera muri ico gisata.
Bibaye ku ncuro ya kabiri,mu kiringo kidashika amezi abiri, aho umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA agaruka ku gisata co kwunguruza abantu.
Atanguza umugambi w’imbono nshasha y’ishusho y’igisagara ca Bujumbura gushika mu mwaka wa 2045, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye abanyagisagara gukorera mu mashirahamwe, bakagarukira n’igisata co kwunguruza abantu, babicishije mu kugura imiduga minini kandi myiza yo kwunguruza abantu.
MUGISHA Van Naris
Messages
3 janvier 2018, 15:58, par Enock
Nivyo bakureho imodoka ziguma zidutaburira impuzu