Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu asaba abarundi gukingira ubutunzi bw’igihugu
Umukuru w’igihugu asaba abarundi gukingira ubutunzi bw’igihugu
lundi 21 Myandagaro 2017
Mw’ijambo yashikirije kuwa gatandatu igenekerezo rya 19 Myandagaro 2017, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yiyemeje kurwanya yivuye inyuma ubukene, bwo mwansi mukuru w’Abarundi bose n’amakungu.
Umukuru w’igihugu yavuze ko ata nkeka urugamba rwo kurwanya ubukene abarundi bazorutsinda bihweje ubwiza bw’Uburundi, aca aboneraho n’akaryo ko gukeza abarundi kw’ishaka n’ubukerebutsi, no gushira hamwe.
Yavuze ati :«Twihweje ubwiza bw’akaroruhore Imana yatatse Igihugu cacu, ubutunzi ntangere bukwiragiye hirya no hino mu gihugu, ntidukekeranya ko urugamba rwo kurwanya ubukene tuzorutsinda.»
Ati : «Turakeje Abarundi mwese kuko murahaye murahabona turavye iterambere tugezeko mu gihugu kubera ishaka, ubukerebutsi no gushira hamwe biriko biratsimbatara muri beneburundi. Ngico ico twari tubuze kuva kera, kandi turogoroye ubutagisubira inyuma.»
Naho biri ukwo, umukuru w’igihugu yamenyesheje ko abarundi bokwama bitwararika ko ubutunzi bw’Igihugu buhurumbirwa na benshi, rimwe na rimwe hakaboneka n’abagomba kubwihagira ku nguvu.
- Petero NKURUNZIZA,umukuru w’igihugu
Muri iryo jambo yashikirije, umukuru w’igihugu yasavye abarundi kuba maso bagakingira ubutunzi bw’igihugu, bakiyubahiriza kandi bagakorana n’abandi bubahana, kugira umuntu wese aronke ibimukwiye.
Iryo jambo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yarishikirije abarundi mu ntumbero yo kwibuka imyaka ibiri iheze arahiriye kurongora Uburundi, hari kw’igenekerezo rya 20 Myandagaro 2015.
MUGISHA Van Naris
Messages
21 Myandagaro 2017, 14:31, par NYABENDA MANWERI
TURABASHIMIYE KWIJAMBO MUSHIKIRIJE ABARUNDI BO BENUBURUNDI NAKARE UMUNTU AZAKUMENYA KO YARATUNZE IVYOYARAFISE BABIMUMARIYEKO IMANA IBAJIMBERE MUTAMA BWITONZI MURAKOZE
22 Myandagaro 2017, 08:25, par Hafsa
U Burundi ni l’avant dernier kw’isi mu bukene,ubwo butunzi Peter Nkurunziza atubwira ko yabwihereye Exim Bank (Chine) ayo madeni abanyagihugu bazoriha gushika muri 2050 abona bizoherera hehe? DD i Puuuu
22 Myandagaro 2017, 19:41, par nkunzimana donatien
indoto.com