Umukuru w’igihugu c’Uburundi yasubiye gukeza Uhuru Kenyatta

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 31 octobre 2017 saa 09:51
35655
1 1

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yasubiye gukeza umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta, inyuma yo gusubira gutsinda amatora yasubiwemwo kw’igenekerezo rya 26 gitugutu 2017.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yanditse mu rurimi mw’icongereza agira ati : "I once again congratulate you Brother @UKenyatta for your election victory. Best wishes from #Burundi to you and the people of #Kenya."

Tugerageje gushira ubwo butumwa mu rurimi rw’ikirundi, ubwo butumwa buvuga buti : "Ndasubiriye kugukeza muvukanyi Uhuru Kenyatta ku ntsinzi mu matora, Uburundi bukwipfurije ivyiza hamwe n’abanyagihugu ba Kenya.}’’

Uhuru Kenyatta yari asanzwe aramutswa igihugu ca Kenya yasubiye gutorwa ngo atware ico gihugu, atsinze amatora y’umukuru w’igihugu ku majwi 98 kw’ijana.

Naho ibiharuro vyashikirijwe vyerekana ko abatora bitavye ku bice 39 kw’ijana, umukuru w’umurwi utegura amatora IEBC yavuze ko amatora yabaye kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu yabaye mu muco kandi ata tunenge.

Inyuma y’amatora yari yabaye kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro 2017, intsinzi igatahukana Uhuru Kenyatta, Sentare ntahinyuzwa mu gihugu ca Kenya yari yamenyesheje ko ayo matora atohabwa agaciro kuko yabayemwo utunenge, iyo Sentare isaba ko yosubirwamwo.

Uhuru Kenyatta yatsinze ayo matora ku ncuro ya kabiri.


Kumenyekanisha

1
Makolo 2-11-2017 à 08:16

Nkurunziza ko yihuta arasiganwa niki nukugirango yigaragaze neza, nubushize yabikoze uko nyuma yiminsi mike batangaza ko amatora azasubirwamo.hhhhhhhhhh nabanze areke kwica yo karya amateke

2
Kararuza 31-10-2017 à 11:47

hahahha arasubiriye kandi kwisemba ?Court constitutionel niyo yemeza uwatsinze amatora,rero ntibiraba,Peter waragowe kabisa

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha