Umukuru w’igihugu c’Uburundi yakiriye umunyamabanga mukuru wa COMESA

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 25 janvier 2018 saa 12:08
54705
0 0

Mu rugendo arimwo mu gihugu c’Uburundi kuva mu gatondo ko kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Nzero 2018, umunyamabanga mukuru wa COMESA Sindiso NGWENYA yahawe umubonano n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA.

Intumbero y’urugendo umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya COMESA,Sindiso NGWENYA, ni ukwirabira aho imyiteguro y’Uburundi yo kwakira inama igira 20 ya COMESA igeze.

Inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa gatatu, umunyamabanga mukuru wa COMESA yabonanye n’umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, akaba yari aje kumushimira ko bemeye kwakira ibikorwa vy’inama, mu nyubakwa z’iana nshingamateka.

Amakuru dukesha ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, amenyesha kandi ko Sindiso NGWENYA yabonanye n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, mu gatondo ko kur’uyu wa kane, igenekerezo rya 25 Nzero 2018.

Inama igira 20 ya COMESA bitegekanijwe ko izobera mu gisagara ca Bujumbura, kuva mu ntango z’ukwezi kwa kane uwu mwaka wa 2018, ibihugu vya Somaliya na Tiniziya bikazoharonkera akaryo ko kwinjira mw’ishirahamwe.

Ku rutonde rw’ibikorwa dukesha ubushikiranganji bw’ubudandaji, bitegekanijwe ko amanama azokorwa uku gukurikira :

Kuva kw’igenekerezo rya 9 gushika kurya 11 Ndamukiza, hazoba inama y’imirwi y’amareta, kuva kw’igenekerezo rya 13 gushika kurya 14 Ndamukiza, hazoba inama ihuza abashikiranganji b’ububudandaji ba COMESA,kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 17 Ndamukiza, hazoba inama y’abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu vya COMESA, kuva kw’igenekerezo rya 18 gushika kurya 19 Nzero, abakenyezi b’abakuru b’ibihugu bazohura baganire, muri ico gihe nyene hazoba hariko haba inama nyezina ya COMESA.


Kumenyekanisha

1
Maria Ntakirutimana 25-02-2018 à 22:41

Jewe mbona Comesa yogira agaciro kuri twebwe abarundi, gusumba EAC

2
Ntirampeba Edmond 6-02-2018 à 12:50

Andika hano:nvyiza Ahubwo Baze Basaba Amashirahamwe Aze Menshi Natwe Abashomeri Turonkere Ho Kumenga Basa Naba Twibagiy Babona gute !!!!

3
hassan. bikorimana 1er-02-2018 à 22:48

Nukuri. turasabira. igihugucuburundi imana ibujimbere muricogikorwa kuko. abansibarakaka kuko nigikorwagikomeye. ninintabwenini. buzobabuteye. kubuzimabwigihugucuburundi. nabarund(

i%)

4
Kayoka kamana leonard 29-01-2018 à 16:33

ntakanmaro ko kurarika umunyagihugu kuri vyo mwirirwa mwadumbitse kand ubuzima bwarazimvy.nimuvugane ingen mwoturonsa imitahe natwe twiteze imbere.ka banyakwubahwa ?

5
Jojo 26-01-2018 à 11:58

Burundi oyeeee abamaz igih baburizamwo iyinama mu Burundi batash zirayoye welcom Comesa conferance in Burundi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha