Umukuru w’igihugu ca Centrafrika yavuye i Kigali abonana n’abategetsi ba Bujumbura

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 23 Ntwarante 2018 saa 09:58
62775
0 0

Umukuru w’igihugu ca Centrafrika, Faustin-Archange Touadéra, yari mu rugendo mu gihugu c’Uburundi mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro, urugendo rwatanguriye aho ku kibuga c’indege ca Bujumbura, ruherera aho nyene. Uburundi buvuga ko ata butumwa bw’ikindi gihugu yari azanye.

Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego zose zigize Reta y’Uburundi kiriko kibera mu ntara ya Gitega kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yemeje amakuru y’urwo rugendo, ariko amenyesha ko ata butumwa yari arungikanwe.

"Nivyo hariho umushitsi adasanzwe, umukuru w’igihugu ca Centrafrika yarashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura n’ijoro. N’aho yaciye mu Rwanda, ntiyaje nk’intumwa y’Urwanda, yaje nk’intumwa y’igihugu ciwe."

JPEG - 94.9 ko
Jean Claude KARERWA NDENZAKO (ari hagati), umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Jean Claude KARERWA NDENZAKO avugira umukuru w’igihugu c’Uburundi ashikiriza ko imvo nyamukuru y’urwo rugendo kwari ugushima igikorwa kidasanzwe, umwete n’ubwira bw’abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Centrafrika.

Urwo rugendo rw’umukuru w’igihugu wa Centrafrika Faustin-Archange Touadéra rwabaye inyuma y’inama y’abakuru b’ibihugu vy’ubumwe bwa Afrika yari yabereye i Kigali mu gihugu c’Urwanda, ariko Uburundi bukaba butaserukiwe muri iyo nama. Reta y’Uburundi yasiguye ko yasivye muri iyo nama kuko itari yizeye umutekano mu Rwanda w’aboserukira Uburundi.

JPEG - 168.4 ko
Umukuru w’igihugu ca Centrafrika yakiriwe na Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Kumenyekanisha

1
Aferky 27-03-2018 à 11:23

None gayemwe, kugarukira kukibuga cindege vyovyo bisigura iki? Yatinye isuku nkeya mugisagara, wogirango yari muri transit.

2
lg 24-03-2018 à 19:53

KUBANA NINGOMBWA IYO BIKUNDA IYO BIDAKUNDA URAGERAGEZA BYAKWANGA, UKABIREKA ABARUNDI BANZE KO TUJYAYO SIMBONA IGIHOMBO NTAGIHUGU NAKIMWE UMUNYARWANDA YAJYAMO ALIKO ABANJE, GUCA IBIRUNDI. BADASHATSE KO TUBANA DUFUNZE NIBO BAHOMBA TWE BARAZA KANDI NTAKIBAZO BAGIRA KUBATUMA, HO! !!NGO BIGENDE GUTE! !!!!NTIBAKIYEMERE

3
nkotanyi 24-03-2018 à 07:11

ariko kweri nkubwo koko mwumva diplomacie y’u Rwanda ari uko ukora dufite aba diplomat bari fort biramutse bibaye ngombwa ko u Rwanda rukenera kuganira n’u burundi ntabwo twari nda gutuma president w’ ikindi gihugu?!

4
Mukono 23-03-2018 à 15:07

Ngo ntiyaraje azanye ubutumwa bw’u Rwanda?hhhahah ndatembagaye no gutwenga,ariko indongozi zacu kuki zirota k’umurango izuba riva?murabona u Rwanda rwobaronderako iki?ahubwo nimwe mukeneye imfashanyo y’u Rwanda,mbere baranavyerekanye batuzimiriza isoko rya Bujumbura banadutangira intwererano muri EAC

5
eric 23-03-2018 à 10:09

naze apfeguhanura mugantiyumva ahobahanuriyebikanka nagerageze. kugayanabatwara onu nagasuzuguro gakomeye

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha