Umukuru w’igihugu yagenye abagize inzego nshingwantwaro mu bisata bitandukanye

Yanditswe na
Kuya 19 Rusama 2017 saa 12:52
Yasomwe : 22914
0 0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yagenye abagize urwego nshingwantwaro mu nzego zitandukanye zigize igisata co kumenyesha amakuru.

Urwego nshingwantware rwa mbere umukuru w’igihugu yagenye ni urwego nshingwantwaro rw’insamiriza n’imboneshakure vy’igihugu (RTNB ) nabo ni :

Jean Pierre AMANI (arurongoye),Celestin WAKARERWA( icegera),Salvator NIZIGIYIMANA(Umunyamabanga), abandi bagize urwo rwego ni Frederic Francois SIGEJEJE,Deo BIGIRIMANA,Gregoire NIJIMBERE

Urwego nshingwantwaro rw’itororkanirizo ry’amakuru ABP rugizwe na:

Gregoire NKESHIMANA(arurongoye),Gabby BUGAGA( icegera),Telesphore BIGIRIMANA(Umunyamabanga),Jean Claude NSHIMIRIMANA,Arlete AKIMANA, Elysee Marie Josee MUGABEKAZI, na Onesime NDAYIZEYE.

Abandi umukuru w’igihugu yagenye ni abagize urwego nshingwantaro kw’ikigo kijejwe gutumatumanako amakuru ONATEL n’ibimenyeshamakuru vy’igihugu PPB.

Urwego nshingwatwaro rwa ONATEL rugizwe na :

Moise SAGAMBA(arurongoye),Claver NDAYIZEYE( icegera), Reverien NTAGAYA(Umunyamabanga),Pas-Plus NTAHOMBAYE,Pascaline BIDUDA, Ariane KIGEME na Augustin KARARUZA.

Abagize urwego nshingwantwaro rwa PPB ni :

Leonard GACUKO(arurongoye),Desire NTACONAYIGIZE( icegera), Louis KAMWENUBUSA(Umunyamabanga),Pauline RURATOTOYE na Astere NDUWAMUNGU.


Kumenyekanisha

1
Havyarimana sadock 19-05-2017 à 19:02

ni vyiza kuko iyuhinduye abantu bagukorera nabi haragira igihinduka mubikogwa vyigihugu.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha