Umukuru w’igihugu yagenye abagize urwego nshingwantwaro rwa CNTA na COGERCO

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 1er Ruheshi 2017 saa 11:44
Yasomwe : 14040
0 0

Umukuru w’igihugu yagenye abagize urwego nshingwantwaro rw’ikigo kijejwe kugenzura ibifungurwa mu Burundi, Centre Nationale de Technologie Alimentaire (CNTA) n’ikigo kijejwe kugenzura igiterwa c’ipampa COGERCO.

Abagenwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo kuwa 24 Rusama 2017 ngo baje mu rwego nshingwantwaro rwa CNTA ni:

Steve de Cliff arurongoye,Jeanne NIYONZIMA icegera ciwe,Severin SINDAYIKENGERA umunyamabanga w’urwego nshingwatwaro akaba ari nawe arongoye ikigo CNTA ku rwego rw’igihugu.

Abandi bagize urwo rwego ni Elias NGENDABANYIKWA,Juma Mohamed,Diomede NDAYIRUKIYE na Pelagie NIMBONA.

Abandi bagenwe n’umukuru w’igihugu ni abagize urwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe rigenzura igiterwa c’ipampa COGERCO,nabo akaba ari :

Salvator SINDAYIHEBURA umukuru w’urwego,icegera ciwe ni Beatrice SAMANDARI,umunyamabanga ni Claver NAHIMANA .

Abandi bagize urwego nshingwantwaro rwa COGERCO ni Chrisologue MUTWA,Therence NDONSE,Valerie NSABIMANA na Jean HAKIZIMANA.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha