Umukuru w’igihugu yagenye abagize umurwi w’igihugu ujejwe ubumwe no gusubiza hamwe

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 2 janvier 2018 saa 12:56
13695
0 0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yaragenye kuwa gatanu igenekerezo rya 29 Kigarama 2017 abagize umurwi w’Ubumwe no gusubiza hamwe.Muri uwo mugwi, amazina y’abigeze kuba bakomeye muri reta yabonetsemwo.

Uwagenywe kuba umukuru w’uwo murwi ni uwigeze guserukira Uburundi mu makungu Guillaume Ruzoviyo, icegera ciwe ni, Alice NZOMUKUNDA, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, hamwe na Musenyeri Justin NZOSABA yahoze atwara CNDI,yagenywe mu kibanza c’umunyamabanga w’umurwi.

Abandi bagenywe muri uwo murwi ni, Adolphe Rukenkanya yahoze ari umushikiranganji w’inkino n’imicokama, Alphonse Bazonyica, Zénon Bigirimana,na Médiatrice Bizabishaka bagenywe kuba mu bagize uwo murwi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha