Umukuru w’igihugu yagenye ba buramatari batandatu bashasha

Yanditswe na IGIHE
Kuya 21 juin 2018 saa 10:21
62550
0 0

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashize umukono kw’itegeko rigena ba buramatari bashasha bagiye kurongora intara zitandatu. Amazina y’abo baburamatari bashasha yaherukwa kwemezwa n’inama nkenguzamateka.

Abo baburamatari ni Thérence BUTOYI agiye kurongora intara ya Bubanza, Frédéric NIYONZIMA agiye kurongora intara ya Bururi, Laurent NICIMBESHE agiye kurongora intara ya Muramvya, Alain Tribert Mutabazi agiye kurongora intara ya Kirundo, Fidele MINANI agiye kurongora intara ya Rutana, na Elie BASHINGWA agiye kurongora intara ya Ruyigi.

Amazina y’abo baburamatari batandatu bashasha, yemejwe n’inama nkenguzamateka kuwa kabiri, igenekerezo rya 19 Ruheshi 2018, hakaba harimwo umututsi agiye kuramutwa intara ya Kirundo, n’uwo mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, agiye kuramutswa intara ya Rutana.

Muri abo batandatu, buramatari w’intara ya Muravya yaje nka mushasha cane, kuko iyo ntara yari imaze amezi arenga atandatu atagira buramatari.

Abo baburamatari bemejwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/067 ryo kuwa 20 Ruheshi 2018.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha