Abashikiranganji 21 nibo bitavye inama nshikiranganji ya mbere, mu gihe yahora yitabwa n’abashikiranganji 20 Reta itarahinduka.
Abashikiranganji batanu bashasha nibo bitavye ibikorwa vy’inama nshikiranganji abo nabo akaba ari Ezechiel NIBIGIRA , umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Thadee NDIKUMANA, umushikiranganji w’amagara y’abantu, Gaspard BANYANKIMBONA ,umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Jean Marie NIYOKINDI, na Evelyne BUTOYI aramutswa ubushikiranganji bw’urwaruka, amaposita n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru.

Ibindi vyigwa, ni integuro y’itegeko rigenga amasoko y’imitahe mu Burundi, integuro y’itegeko rigenga uturusho ku bijanye no gutanga amakori kw’ishirahamwe Musumba Steel, hamwe n’utuntu n’utundi.

Andika hano ibigiyinama bigira imana nimwirambire.