Umukuru w’igihugu yuguruye ikoraniro kaminuza ry’urwaruka

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 3 avril 2018 saa 11:16
21615
0 0

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanguje ihuriro kaminuza ry’urwaruka, umwaka wa 2018, kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 3 Ndamukiza 2018. Abategetsi batandukanye b’igihugu, harimwo umushikiranganji w’inkino, urwaruka n’imico kama, bitavye iryo huriro.

Ihuriro kaminuza ry’urwaruka ritunganijwe ku ncuro ya gatatu, ku murwa mukuru w’intara ya Gitega, ku civugo : « Kuzirika igihugu n’uruhara rw’urwaruka mu gutegura kubu kazoza keza no kugikunda. »

Hejuru y’abashikiranganji batandukanye, ba buramatari b’intara z’Uburundi, iryo koraniro ryitabwe n’urwaruka ruva mu ntara zose z’igihugu.

Iryo koraniro ryatanguye kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 3 Ndamukiza 2018, bitegekanijwe ko rizorangira kuwa kane, igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2018.


Kumenyekanisha

1
Niyukuri mukombozi 6-04-2018 à 10:37

icogikorwa niciza kandi kirahimbaye kandi icondoca saba reta yuburundi nuko ayo makoraniro yoca akwiragizwa muntara nomumakomine none nibande ?barongoye ayo makoraniro ?none rije kudufasha iki twebwe urwaruka ? mutama yes akuje imbere

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha