Umukuru w’inama nshingamateka amenyesha ko ata rubuga rwiwe rwa Facebook akoresha

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 5 janvier 2018 saa 11:33
18705
0 0

Umukuru w’Inama nshingamateka y’Uburundi, umushingamateka Nyabenda Pascal, abicishije ku muvugizi w’inama nshingamateka Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, amenyesha ko abamaze imisi bakoresha urubuga rwa Facebook kw’ikonte iriko izina ryiwe n’ifoto yiwe ari ababeshi n’abagizi ba nabi bagamije kumucafuza.

Nk’uko vyashikirijwe n’umuvugizi w’Inama nshingamateka Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, mu kiganiro yaremesheje ku bamenyeshamakuru kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 5 Nzero 2018, Umushingamateka Nyabenda Pascal nta rubuga rwa facebook yiwe bwite akoresha.

Umuvugizi w’inama nshingamateka avuga ko hari abamaze imisi bashirako amafoto atesha icubahiro umukuru w’inama nshingamateka, aho twovuga nk’amasanamu y’abantu bishwe, canke abana bafise ibigwanisho.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE ahamagarira abarundi n’amakungu ko atawohendwa n’abo bantu bakoresha urwo rubuga kw’izina ryiwe, nk’uko hari abamaze imisi bandikiranira, haba abasaba imibonano canke abasaba ubuzi.

Ku bipfuza gukurikirana ibikorwa vy’umukuru w’inama nshingamateka, umuvugizi w’Inama Nshingamateka amenyesha ko aho boca ku mbuga ngurukanabumenyi ari : facebook:Inama nshingamateka, Twitter : @nshingamateka, no kuri ww.assemblee.bi .


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha