Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’inama nshingamateka yahaye umubonano umuyamabanga mukuru wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’inama nshingamateka yahaye umubonano umuyamabanga mukuru wa (...)

Umukuru w’inama nshingamateka yahaye umubonano umuyamabanga mukuru wa COMESA

mercredi 24 janvier 2018

Inyuma y’umubonano yahawe n’umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA,umunyamabanga mukuru wa COMESA Sindiso NGENYA yavuze ko yari aje gushima kuba inama nshingamateka yaremeye ko inama ya COMESA ibera mu nyubakwa zayo.akaba yahawe umubonano n’umukuru w’Inama nshingamateka y’Uburundi.

Sindiso NGENYA, umunyamabanga mukuru wa COMESA yavuze ko ari umunezero kuri we, kubona igihugu c’Uburundi atakwo kitagira kugira inama ya COMESA igiye kubera I Bujumbura izogende neza.

Umunyamabanga mukuru wa COMESA akaba yayeteye akamo abarundi bose gukora ibishoboka ,vyose kugira iyo nama izogende neza.

Ku ruhande rwiwe,umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yavuze ko Uburundi bugiye kuhungukira cane.

« Hamwe abakuru b’ibihugu 19 bigize COMESA bose bokwitaba iyi nama, Uburundi bwohungukira cane.Bokwibonera ko Uburundi ari igihugu gitekanye.Tugiye gukora ibishoboka vyose kugira ngo iyo nama izogende neza. »

Inama ya COMESA ikaba itegekanijwe mu ntango z’ukwezi kwa kane.


BUKURU Pacifique

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.