IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru wa PARCEM avuga ko ikibanza cose coberamwo ibiganiro ataco (...)

Umukuru wa PARCEM avuga ko ikibanza cose coberamwo ibiganiro ataco bitwaye

jeudi 23 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe PARCEM ashikirije ivyo mu gihe bamwe mu banyeporitike b’abarundi, hamwe na Reta y’Uburundi, baheruka gusaba umwunganirizi w’umuhuza Benjamin William Mkapa gutahukana ibiganiro mu Burundi.

Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM avuga ko mu gihe hoba hageze ko ibiganiro bitahukanwa mu Burundi, ata kibazo vyotera, ariko ko igihambaye ari uko vyohurikiramwo bose, bikazana inyishu y’ibibazo, na cane cane ivyumvikanywe bigashirwa mu ngiro.

JPEG - 107 ko
Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Faustin NDIKUMANA amenyesha ko abavuga ko ibiganiro bitoshobora gutahukanwa ari abashaka gusamaza kugira ibibazo nyamukuru bihanze igihugu ntibizokwigwe, kuko kenshi mu vyibonekeza mu biganiro ari uko hageze ko higwa ibibazo nyamukuru ibiganiro bica bihagarara.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.