IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru Antediteste NIRAGIRA yavuye mw’ibohero

Umumenyeshamakuru Antediteste NIRAGIRA yavuye mw’ibohero

mardi 23 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo mu muryango w’uwo mumenyeshamakuru bamubonye kuri uwu wa kabiri, igendereza ry’Uburundi rikaba ryamushikirije urwego rw’igihugu rujejwe itangazamakuru mu Burundi.

Antediteste NIRAGIRA yari yahagaritswe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2017, aho akaba ari mu gihe yari yavuye muhira abwiye umuryango wiwe ko agiye ku kazi muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, aho yari agiye kuvugana n’impunzi z’Abarundi ziri mw’ikambi y’i Lusenda.

Umuryango w’uwo mumenyeshamakuru uvuga ko waherutse kuvugana nawe akiri ku rubibe Uburundi buhana na Congo, ababwira ko agira yinjire ku butaka bw’ico gihugu. Kuva aho ntibasubiriye kuvugana.

Inyuma y’iminsi ibiri, niho yashoboye kuvugana n’umuryango wiwe, ababwira ko yafashwe n’igendereza rya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, akaba yapfungiwe i Uvira.

Mw’itangazo insamirizi Deutsche Welle yo mu Budagi yasohoye inyuma y’iryo rekurwa ry’umumenyeshamakuru wayo, bashimiye abantu hamwe n’amashirahamwe yose yitanze kugira uwo mumenyeshamakuru asubire kwidegemvya.

Antediteste NIRAGIRA arashima nawe kubona arekuwe agasubira mu muryango wiwe, ariko akanegura ingene yari apfunzwe.

"Kuva kuwa gatatu gushika bukeye nari mpfungiwe ahantu mvundagara hasi, hatazi gukuburwa. Hariyo ibihere n’inda. Utwo dukoko twaraye turandya ijoro ryose. Vyari ibihe bigoye cane vy’ukubamwo."

JPEG - 57.2 ko
Umumenyeshamakuru Antediteste NIRAGIRA yahora apfungiwe i Uvira

Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.