Umumenyeshamakuru Egide MWEMERO yarekuwe

Yanditswe na IGIHE
Kuya 2 Gitugutu 2016 saa 09:26
Yasomwe : 33255
0 0

Umumenyeshamakuru Egide MWEMERO akorera insamirizi RPA yarekuwe inyuma y’umwaka uburamwo iminsi cumi n’ibiri yari amaze ari mw’ibohero mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Egide MWEMERO, umuhinga w’ivyuma wa RPA yashitse mu Rwanda, ahasanzwe hari umuryango wiwe, hamwe n’abandi bamenyeshamakuru bahunze igihugu.
Egide MWEMERO yari yafashwe kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2015, ari mu nyubakwa z’insamirizi Le Messager du Peuple ikora i Uvira muri Repuburika iharanira intwaro (...)

Umumenyeshamakuru Egide MWEMERO akorera insamirizi RPA yarekuwe inyuma y’umwaka uburamwo iminsi cumi n’ibiri yari amaze ari mw’ibohero mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Egide MWEMERO, umuhinga w’ivyuma wa RPA yashitse mu Rwanda, ahasanzwe hari umuryango wiwe, hamwe n’abandi bamenyeshamakuru bahunze igihugu.

Egide MWEMERO yari yafashwe kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2015, ari mu nyubakwa z’insamirizi Le Messager du Peuple ikora i Uvira muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yajanye mw’igendereza rya Congo, yagirizwa kuba ari ku butaka bw’ico gihugu atabifitiye uruhusha, hamwe n’ugukorana n’imirwi irwana. Mu nyuma yajanwe gupfungirwa i Kinshassa, aho yamaze ico kiringo c’umwaka uburamwo iminsi cumi n’ibiri. Kuva kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya mbere Gitugutu 2016, Egide MWEMERO ari mu muryango wiwe.

JPEG - 44.2 ko
Umumenyeshamakuru Egide MWEMERO yavuye mw’ibohero

Ni umunezero mu muryango w’abamenyeshamakuru, cane cane mu bamenyeshamakuru ba RPA, insamirizi uwo mumenyeshamakuru yakorera.


Kumenyekanisha

1
Nowa 4-10-2016 à 19:21

jewe ndashimye koyarekuwe hmana ishimwe igihugu cobamwo abagabo

2
Benjamin Ngabirano 3-10-2016 à 17:55

Naje Ndabafashije Umunezero Naj Nsomye Iyo Nkuru Irababaje Ntaworeka Kunezerwa Yavuyeyo Umuhinga W’ivyuma Wacu.

3
HAKIZIMANA Laurent 3-10-2016 à 12:00

Biranezey. gufungw ikiringo kinganuk uzira ubusa!

4
alia 2-10-2016 à 23:53

tura gukeje urasimvye imanga yaba dd wirambire tuka ba dushimiye amashirara hamwe yakoze ibichoboka ubu umunyama kuru wa RADIO yacu bukunda RPA akaba yidemvya turanezerewe cane gose

5
ruzungu 2-10-2016 à 19:26

U rwanda turufitiye icizere kuko ehe raba ntiyaciye ahungira za buraya na Amerike nyabuna aca ahungira mu Rwanda. Vive le Rwanda pays des milles collines

6
kamaro 2-10-2016 à 15:46

azasubiresha arasuwe

7
Kanuma 2-10-2016 à 15:38

Emweyarabayeyo Esebozabarahasha Izomibwa

8
HABARUGIRA HASSAN 2-10-2016 à 14:09

EMWE AVUYE MUMVYARA VYINGWE

9
Kuri 2-10-2016 à 11:36

NUMUNEZERO KURI TWESE KUKO NTIDUKUNDA AGAPFA IMANA ISHIMWE CANE KUKO AREKUWE IFASHE NABANDI BAFUNGIWE UBUSA BAREKUGWE

10
M .J. Berhimas 2-10-2016 à 11:01

jewe ndi ingbozi yakwiye guhabwa indishi yakababaro ndi miburo j berhimas

11
M .J. Berhimas 2-10-2016 à 11:01

jewe ndi ingbozi yakwiye guhabwa indishi yakababaro ndi miburo j berhimas

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha