Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru w’umunyamerikakazi hamwe n’uwa BBC bafatiwe ku (...)
Umumenyeshamakuru w’umunyamerikakazi hamwe n’uwa BBC bafatiwe ku Mutakura
dimanche 23 Gitugutu 2016, par
Julia Steers, umumenyeshamakuru w’umunyamerikakazi, yafatiwe ku Mutakura, muri zone Cibitoke, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura. Yari kumwe n’uwundi mumenyeshamakuru w’umurundi akorera BBC, Gildas YIHUNDIMPUNDU yariko aramufasha. Bompi bafatiwe kw’ibarabara ry’umunani nomero 40, ku nzu yagandaguriwemwo abana babiri b’amasaha hamwe na se wabo, kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 2015.
Nk’igihe c’isaha zibiri zo mu gitondo niho abo bamenyeshamakuru babiri bafatwa, aho akaba ari mu gihe bariko bakora ku vyerekeye amazu yatawe na beneyo kubera ivyabereye muri iyo ako gace kamwe mu twiyamirije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Umunyamerikakazi Julia Steers yari afise uruhusha rwo gukorera vy’imfatakibanza mu Burundi (Accréditation).

Bagifatwa, baciye bajanwa kubarizwa ku biro vya zone Cibitoke. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko bahagaritswe ku mvo z’amatohoza, kuko bafashwe bariko bafotora ikinogo cahambwemwo abantu ikivunga (fausse commune) batabimenyesheje abajejwe intwaro hamwe n’umutekano.
"Ivyo bibanza bitegerezwa gukingirwa kuko n’ivyemezo bihambaye ku bwicanyi bwakozwe n’abagumutsi" , uwo avugira igiporisi akamenyesha ko abo bamenyeshamakuru bompi babajijwe abaserukira umurwi w’igihugu ujejwe itangazamakuru mu Burundi batumweko.
Nk’igihe c’isaha icenda, niho Julia Steers yarekurwa, ashikirizwa ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, ariko Gildas YIHUNDIMPUNDU wa BBC ajanwa mw’igendereza ry’Uburundi i Bujumbura, aho ariko abandanya kubarizwa, muri ayo matohoza y’igiporisi.
IGIHE
Messages
23 Gitugutu 2016, 18:21, par barikukivi
nibaba biswenabagumutsi uwarikwivora arazwi yakoze ikikugirantibishike kotwumva ngobabonera kure ? ? numwanayorusoma .akarimi kumwe gakamwa ayera!
23 Gitugutu 2016, 18:27, par ANACLET.
NONE BO BABIKOZE BATABIFITIYE URUHUSHA.NIMUBABAZE UWABATUMYE. ARIKO NIBAGIGWA NIKOSA MUBAGIRIRE IKIGONGWE. KUKO NAYESU YARADUHARIYE. NIDUKUNDANE NKUKO IMANA YADUKUNZE. NONE TUZOGEZAHE GUKORA IBINYURANYE NIVY IMANA IGOMBA. NABE ARITWE TWISUZUMA. MURAKOZE. GIRA UBUNTU BWI IMANA.
23 Gitugutu 2016, 19:15, par Maso
Ubuhoho ivyo bategura bizoba birengeye kugumuka.Biza gutyo ngo ni inyonko.
None mwari muzi ko abashatse guturira Uburundi bahevye umugambi mubi wabo?
23 Gitugutu 2016, 20:43, par KIRIJANA BUKANYA
IMANA IKUNDA UBURUNDI UBUWO YARAJE KUJANAMAKU YIMENTANYA YOGUCO IGIHUGU CACU NONE KO UWOMUNYAMERIKA KOMUTAMUNYE HAMWE NUWO WEGUTE NINKOZI ZIKIBIGUSA BAGIRIWE NIKOSA MUHANE ATARYO OKE
23 Gitugutu 2016, 22:00, par Ntakirutimana Josil
Mbeg Mwomeny Bari Bagenzwa Niki Uwo Murundi
Wew Bamubajije Abivugakwiki?
23 Gitugutu 2016, 22:02, par Ntakirutimana Josil
Mbeg Mwomeny Bari Bagenzwa Niki Uwo Murundi
Wew Bamubajije Abivugakwiki? Ivyo Vyos Bifis Ico Bivako
24 Gitugutu 2016, 00:51, par Kanyosha
Mwagizeneza kucamubatandukanya mugukora amatohoza mubatohoze nukuri kuko ntivyumvikana ukuntu umumenyeshamakuru avamugihugu cigihangange nk’America yarikugenda abundabunda atawujejwe umutekano azi iyari!.
24 Gitugutu 2016, 01:06, par tari
None niba abobantu muvuga ko bishwe nabagumutsi mwogaruka gute gufata abariko barakurikirana ibiziga vyabo ngukuri kumenyekane ico nikimenyetso kindi kitabesha ko ivyo baba vuka ko arivyo ahubwo jewe sinumva abakirirwa bata umwanya wabo bavuga Ngo amatohoza ntayandi matohoza azoza asumba Ayo ahubwo cpi nitangure ikore akazi kayo mumaguru masha
24 Gitugutu 2016, 08:12, par Kuri
MURABAMARA PE! Kuki murekuye umwe mukareka uwundi? Aho mwananiwe iyaba muri mukuri mwabagumya Bose ariko aho mwagomvye guhuma amaso amakungu
24 Gitugutu 2016, 10:00, par ALIDI HICUBURUNDI
MWEBWE ABA CNDD FDD MURI BABARYA UMUHERO,MURABICHANYI KANDI MUZOKWISHURA AYOMARASO MUGUMA MUNYWA NKAMAZI.
24 Gitugutu 2016, 12:12, par Modeste
None Niba babemerank’abamenyeshamakuru Babafatiyiki? -NakarenganyNone Niba babemerank’abamenyeshamakuru Babafatiyiki? -Nakarenganyo.
25 Gitugutu 2016, 13:23, par Landry
None abamenyesha makuru hari aho bimiriwe gukorera,mbe hoho nyend kubazana ko yarekuwe abariko baramufasha bo ni kuki bo batorekurwa?Biteye amakenga n’ubwoba.
3 Ruheshi 2018, 10:17, par nderamarira
Abobamenyesamakuru(2)barikubagumya bose uyo munyamerikakazi nt’iyizanye afise abamutumye abonibo batukisha uburundi nibabazwe bose erega uburundi burimwo abagabo nabandi nibateshebate.