Accueil > Amakuru > u Burundi > Umunyarwandakazi NKOMEZA Christine yirukanwe mu Burundi
Umunyarwandakazi NKOMEZA Christine yirukanwe mu Burundi
mercredi 18 Ndamukiza 2018, par
Muri iyo ngingo y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bavuga ko NKOMEZA Christine yahowe amasengesho yahora akoresha mu kinyegero, hamwe n’imigenderanire agirana n’abantu b’abanyamahanga. Iryo tegeko rivuga ko uwo munyarwandakazi yirukanwe mu ntumbero y’ugukingira umutekano w’igihugu n’uw’abanyagihugu.
Abarongoye intara zose zigize igihugu c’Uburundi, umukuru w’igisagara ca Bujumbura hamwe n’umukuru w’igiporisi kijejwe uruja n’uruza, basabwe gukora ibishoboka vyose, kugira iyo ngingo ishirwe mu ngiro.
Egide NDUWIMANA
Messages
18 Ndamukiza 2018, 20:17, par JacK
Uwose yarabatwaye iki. Bishe Bihozagara ntibanyurwa. Reta ya Nkurunziza ihora ishakisha impanvu zose zarakaza u rwanda. Ariko niyitonde. Bazibeshye barenge kumurungo utukura.
18 Ndamukiza 2018, 23:23, par NETSORI
NAGENDE ABANYAGWANDA TURABAZI IVYOBAKORA CARATUVUNYE NINZUKUNZU.
19 Ndamukiza 2018, 05:59, par Kayabu
Abo bononyi barakwiye kwikebuka!
19 Ndamukiza 2018, 08:32, par Aferky
Wosanga iyo leta iriho, itanguye kwikebuka, kwirukana umuntu naho bibabaza ariko batamumeshe.
19 Ndamukiza 2018, 12:26, par nkurunziza
Nestori wewe uvuga ngo carabavunye ko mutagifashe ku nkoho ko mwagifashe mwisunze amasezerano ya Arusha mukaba mwarayahonyanze ahubwo ubu niho muvunika kurusha
19 Ndamukiza 2018, 12:47, par Prince Emmanuel
ndumva neza na neza ntiyahowe ukwo gusenga.kuko gusengera mu mpisho siryo kosa ryo tuma yirukanwa mu gihugu.Kuko gusenga si#UKWIYAMAMAZA#Yesu yavuze ati ntituze tube indyadya kandi ntituze duse nabo.soma Matayo 6:5-8.Kuba mwamwirukanye mwakoze ico mujejwe ariko mwibuke ko muri kw’isi Imana nayo ikaba mw’ijuru kandi ikaba ibona ivyo muriko murakorera abasavyi bayo.ikindi gihe kandi kidatinze ishobora kuza guhorera abakozi bayo.
Niba ahowe kugira imigenderanire n abanyamahanga icari gikenewe s ukwirukanwa ahubwo yari gufatwa nababijejwe hama bakamuha amategeko ngenderwako mumaze kubona ko yayarenzeko mukabona gufata ingingo.
19 Ndamukiza 2018, 17:25, par MFUMBIJE
None gusenga bisaba kubimenyesha umushikiranganji? Ko batamutwaye ubuzima niyitahire. Uwo Imana izomuha ikidari kuko yavuze atarya umunwa ivyaha bikorwa.
19 Ndamukiza 2018, 20:26, par lg
Kiriya gihugu gifite abayobozi batagize, na kimwe bashoboye kwirukana umuntu badashaka mugihugu cyabo ministri agomba kwandikira, abarongoye intara zose zu Burundi nabandi bayobozi, bigaragaraza, ko atazi nicyo a Kora iyo umuntu adashakwa mugihugu yoherezwa iwabo ntakindi naho ibindi nukwerekana ko ukora ibyo utazi yaranabuze. harababishinzwe sikibazo cya ministri,
21 Ndamukiza 2018, 15:53, par DJ NKONGOLO
NAGENDE SHA TWARABAMENY
21 Ndamukiza 2018, 18:14, par Aninas
Aninasi
29 Ndamukiza 2018, 02:22, par fabrice
Ntakundi niyihangane