Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi BICC Worship Team wasohoye urukurikirane (Album) rwa (...)
Umurwi BICC Worship Team wasohoye urukurikirane (Album) rwa mbere
lundi 6 Munyonyo 2017, par
Ku muhingamo w’uwu w’Imana, kw’ishengero CLM (Christian’s Life ministry) habereye igiteramo co gushira ku mugaragaro urukurikirane rwa mbere rw’umugwi uranguriraho ubutumwa bw’Imana ubicishije mu kwikora mu gahogo ariwo "BICC Worship Team".

Jean Claude Maniratunga, umwe mu bari bitavye igiteramo, arashima ukungene baronkejwe ubutumwa bukomeye biciye mu ndirimbo, akongera agashimishwa n’intambwe umurwi BICC Worship wateye.
«Nahimbawe cane n’indirimbo, hamwe n’ubutumwa baduhaye. Umurwi BICC Worship Team wateye intambwe ishimishije.»
Kubwa Emmanuel NDIKUMANA aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe PTI ari naryo ishengero BICC rikukira, amenyesha ko ari umunezero kubona BICC Worship Team ushitse ku ntambwe yo gusohora urukurikirane rwa mbere.

«Ni ikintu gikomeye cane kubona umurwi ukiri mushasha, urimwo urwaruka rukunda gutazira Imana rushoboye gukoranya abantu isinzi, usohoye indirimbo zifise akanovera, zihinguye mu buhinga bwa none.»
Muri ico giteramo, umuririmvyi rurangiranwa akomoka mu gihugu ca Kenya, Ruben KIGAME, yari umutumire w’iteka, akaba yarabiciye biracika, yarahezagiye abitavye igiteramo abicishije mu ndirimbo, ari kumwe n’umutambukanyi wiwe.

Ruben KIGAME arashimishwa n’imibereho y’abarundi akavuga ati : «Uburundi n’igihugu ciza, cahezagiwe n’Imana. Abanyafrika turakwiye gufatana mu nda tukiha agaciro, kuko dufise ubwiza bukomoka k’Uhoraho, Imana idufiseko imigambi myiza.»
Appolinaire HABONIMANA, yakoranye n’umugwi BICC Worship Team mu guhinyanyanyura indirimbo zigize urukurikirane "YARANESHEJE" arashima igikorwa c’abaririmvyi.
«Ni iteka ntangere nagize ryo gukorana n’abaririmvyi bafise impano zo gukora umuziki ufise ubuhinga n’akanovera ntangere. Bakoze igikorwa gikomeye, bazogera kure mu mugambi wabo wo gukorera Uhoraho babicishije mumuziki»
- Umuririmvyi Appolinaire HABONIMANA
Urwo rukurikirane rugizwe n’indirimbo icumi, rukaba rugurwa amafaranga ibihumbi cumi. Umugwi BICC Worship Team utegekanya gukora amasanamu y’izo ndirimbo mu minsi iri imbere.



Pacifique BUKURU