Umurwi CNTB wahawe umurongozi mushasha, CNC ihindurirwa abayigize

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 11 juin 2018 saa 07:49
85365
0 0

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashize umukono kw’itegeko rigena umukuru mushasha w’umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo, CNTB, hamwe na bashasha bagize ikigo c’igihugu kigenzura ingene ibinyamakuru bikora CNC.

Mu murwi CNTB, Felicien NDUWUBURUNDI niwe yagenywe kugira asubirire Festus NTANYUNGU yahora arongoye uwo murwi, mu gihe Nestor BANKUMUKUNZI yagenywe kugira asubirire KARENGA Ramadhan mu murwi CNC.

Felicien NDUWUBURUNDI yari asanzwe arongoye ihuriro ry’imigambwe FDP yagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/060 ryo kuwa 8 Ruheshi 2018, mu gihe Nestor bankumukunzi yagenywe n’itegeko inomero 100/058 ryo kuwa 8 Ruheshi 2018.

Nestor BANKUMUKUZI akaba yahora ari umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, amaposita hamwe n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru.


Kumenyekanisha

1
Bobar 12-06-2018 à 20:01

Uwo Mukuru Wa Cntb Urabuje Guhuza Abasangwa Na Abahungutse, Babane Muma Horo, Atawangajwe !

2
Busurahende 12-06-2018 à 12:54

Muti CNC yahinduriwe uwayitegeka ? Mwashaka bamushimire gute muzi ingene yataye igihugu mu kaga ngo arugaye za BBC, VOA... n’izindi ngingo za gihuruduka yamye afata. Ngira muribuka amajambo yavuze igihe Falcon igurishijwe. Ari mubasibanganije izina ryiza ry’igihugu.

3
Saliki 11-06-2018 à 22:41

Nibasubiremwo imanza zose zimaze gucibwa kuko vyaragaragaye yuko harimwo akarenganyo n’ibiturire vyinshi.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha