IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CVR uhanzwe n’ibibazo vy’amafaranga y’ugukora

Umurwi CVR uhanzwe n’ibibazo vy’amafaranga y’ugukora

jeudi 23 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Umurwi CVR (Commission Vérité et Réconciliation) ujejwe kuvugana ukuri n’ukunywanisha Abarundi umenyesha ko ukeneye amafaranga arenga imiriyoni 34 z’amanyaburaya (Hafi imiriyaridi ijana z’amarundi) kugira ushobore kurangura neza ibikorwa washinzwe mu gihugu cose.

Mu murwi CVR bavuga ko bagifise ibibazo vy’uburyo kugira ushobore kurangura neza igikorwa washinzwe. Ayo mafaranga akenewe na CVR akaba ari ayajanye n’ibikorwa vya minsi yose vy’uwo murwi, hamwe n’ayo gushumbusha abakozweko n’amahano yashikiye Uburundi muri kahise.

Abakozi ba CVR bakora ku bushake (Volontaires)

Uwo murwi uvuga ko ugiye gushiraho abazowufasha mu mitumba hamwe n’intara zigize igihugu c’Uburundi. Abo bazofasha uo murwi CVR bazoba ari abakora ku bushake (Volontaires). Abo bantu bazoba bajejwe kwakira abashaka gushikiriza ivyo bazi ku vyabaye mu Burundi muri kahise, nk’uko vyavuzwe kuri uwu wa kane, na Musenyeri Jean Louis NAHIMANA.

JPEG - 100.8 ko
Musenyeri Jean Louis NAHIMANA, umukuru w’umurwi CVR

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Musenyeri Jean Louis NAHIMANA umukuru w’umurwi CVR yamenyesheje ko no ku mitumba ya rusansuma bazoronderayo abandi bantu bafasha umurwi CVR.

"Twigiriye inama y’ugushiraho abantu batwunganira (les points focaux), tukongera tukarondera dufatiye ku mitumba ya rusansuma abantu babiri babiri botwunganira muri ico gikorwa, bashize imbere umutima w’ukwitanga."


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.