Umurwi ujejwe guhindura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ugiye kujaho

Yanditswe na IGIHE
Kuya 15 février 2017 saa 03:49
Yasomwe : 31464
0 0

Inama nshikiranganji yakoranye kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 15 gushika kuri uwu wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2017. Muvyo biga hakaba harimwo integuro y’itegeko ivuga ibijanye n’umurwi uzohinyanyura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.
Mu bijanye n’uwo murwi, inama nshikiranganji yize n’ishirwaho ryawo, ikiringo cawo, hamwe n’ibikorwa vy’uwo murwi. Ivyavuye muri iyo nama nshikiranganji kuri ico kibazo tukaba tuzobigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.
Tubibutse ko umurwi w’igihugu ujejwe (...)

Inama nshikiranganji yakoranye kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 15 gushika kuri uwu wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2017. Muvyo biga hakaba harimwo integuro y’itegeko ivuga ibijanye n’umurwi uzohinyanyura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Mu bijanye n’uwo murwi, inama nshikiranganji yize n’ishirwaho ryawo, ikiringo cawo, hamwe n’ibikorwa vy’uwo murwi. Ivyavuye muri iyo nama nshikiranganji kuri ico kibazo tukaba tuzobigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

Tubibutse ko umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi uheruka gushikiriza icegeranyo c’ivyo umaze gushikako. Muri uwo murwi bamenyesha ko abenshi mu bantu bumvirijwe n’uwo murwi basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotorwa ibiringo birenza bibiri, agatwara igihe cose abanyagihugu bomwizera.

Muri uwo murwi bavuga ko abanyagihugu basavye ko ibwirizwa shingiro ryoja hejuru y’amasezerano ya Arusha, abahoze barongoye Uburundi ntibasubire gushirwa mu nama nkenguzamateka ubuzima bwabo bwose nk’uko biri ubu, ahubwo bakabanza guhiganwa n’abandi mu matora kugira baje muri urwo rwego. Abanyagihugu basavye ko ibwirizwa shingiro ryohindurwa, kugira utunenge turimwo duhinyanyurwe, hamwe n’ugukosora amakosa ari mu masezerano y’i Arusha.

Abari mu biganiro baravuze n’amabwirizwa amwe amwe yohinyanyurwa.

"Ibwirizwa rigenga imigambwe kugira ntihabeho imigambwe itagira abanywanyi, ibwirizwa mpanavyaha kugira ukudahana ivyaha bihagarare, ibwirizwa rigenga amatora kugira amatora agende neza, ibwirizwa rigenga amashirahamwe adaharaniranira ivyicaro vya poritike kugira akore ibiyaraba gusa, ibwirizwa rigenga amadini n’amashengero kugira nayo nyene akore ibiyaraba gusa."


Kumenyekanisha

1
Amida 18-02-2017 à 19:18

None Murindiriye Iki Kurihindura Uwo Muja Atuveho

2
Mwumba 17-02-2017 à 10:11

Peter ntazotwara nka museveni canke Kagamé,none ko u Buganda n’U Rwanda abo ba présidents bateje imbere ibihugu vyabo,rwacu ngo ni Nkurumbi akaza atema atongora,ntibizokunda ndaq

3
Iragiryagahuturemy 17-02-2017 à 04:31

Giraningoga canecane kubabaye abakuru bibihugu bazoze barahiganirwa kubabakenguzamateka, kuko twaritwabigize gurtyo twibazako ngo ababaye abakurubibihugu bohagararira inyungu zabene gihugu bakirinda gukora baharanira inyungu za babiligi, none ivyobaraye bakoreye abarundi mumwaka wa 2015 vyaraye bitwumararije !

4
[email protected] 16-02-2017 à 12:10

ahubwo batevye kurihindura nibanyarutse twitorere abadutwara

5
Musaga 16-02-2017 à 09:10

Ivyo biringo n’ inzara imaze abanyagihugu kereka nimba azategeka amazu n’ibiti,ujinga mzigo

6
JUMA 16-02-2017 à 07:19

Ahubwo agomba gupfa.uno musi honyene ntibamusiga.

7
Mahoro Anne 15-02-2017 à 22:34

Mbega amakosa muyabonye ubu aho mwabereye ngaho ?EEeeeh ,egome ga !Iyo buba ubwumwe bwari ikindi !

8
Nkurumbi 15-02-2017 à 21:25

Ingendo yuwundi iravuna,uburundi s’urwanda canke ouganda.

9
Nkurumbi 15-02-2017 à 21:22

Ingendo yuwundi iravuna,uburundi s’urwanda canke ouganda.

10
KIRUNDO 15-02-2017 à 17:39

Ahonisawa nimunyarutse kurihindura

11
KIRUNDO 15-02-2017 à 17:38

Ahonisawa nimunyarutse kurihindura

12
Alain Nyabenda 15-02-2017 à 16:37

Ego kabisa urumva Nkurunziza azotwara u Burundi kugeza Yezu cg yesu agarutse. Munyuma Nkurunziza wa 6 azosubirirwa na Jonathan wa 1 kdi ivyo Imana yari yarabihishuriye Pita akiri mwishamba. None hari uwanka ico Imana yatangaje ?Ehhh ubu twarikukiye hahahahahhhhh

13
Bossk 15-02-2017 à 16:19

Ahahaha Nkurumbi agomba kuba Kwigana abandi na president bomukarere sha ndabireba kobizamworehera igikiri ciganye izovu kunwa amazi kirasandaba

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha