Umurwi ujejwe kwiga ivyohinduka mw’ibwirizwa shingiro wongewe ikiringo

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 13 Nyakanga 2017 saa 03:36
Yasomwe : 14319
0 0

Umurwi w’igihugu ujejwe kwiga ingingo zohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi wahejeje ikiringo cawo utaraheza igikorwa wahawe. Uwo murwi wasavye ko wongerwa ikiringo, nk’uko ubirekurirwa mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu riwugena. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yongeye amezi abiri.

Uwo murwi wari ufise ikiringo c’amezi atandatu yo gukora ashobora kwongerwako amezi abiri, ariko mu gihe babisavye indwi imwe gusa imbere y’uko ikiringo c’amezi atandatu bafise gihere.

Ayo mezi abiri yongewe uwo murwi azotangura guharurwa kuva kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga 2017, nk’uko bivugwa na Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Nk’uko biri muri iryo tegeko No 100/89 ryo kuwa 12 Rusama,umwaka wa 2017, abantu 15 bagizwe n’abagabo 14 n’umukenyezi umwe bava mu mirwi itandukanye nibo bagize uwo murwi.

Umukuru w’umurwi ni NGENDAKURIYO Pascal, icegera ciwe ni RUBERINTWARI Deo, hamwe n’umushingwamanza AMANI Jean Pierre yagenywe kuba umunyamabanga w’umurwi.

Abandi bagize umurwi ni NTIBAZONKIZA Salvator, SINABWITEYE Joseph, MANIRAKIZA Alexis, RUZOVIYO Guillaume, BACANAMWO Anatole, NSHIMIYIMANA Deogratias, NAHAYO Jacques, NJANGWA Gilbert Becaud, NZOSABA Eraste, MAZAMEZA Carine, HABIMANA Leonard, na NDAYISHIMIYE Felix.

Abo cumi na batanu bagize uwo murwi ni abarundi batowe mu mice itandukanye : uwuserukira ibiro vy’umukuru w’igihugu, uwuserukira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, uwuserukira ubushikiranganji bw’ubutungane, batatu baserukira imigambwe hamwe n’abigenga bafise intebe mu nama nshingamateka y’Uburundi, babiri baserukira imigambwe itari mu nama nshingamateka, batatu baserukira amadini, umwe aserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, umwe aserukira ihuriro ry’abakenyezi, umwe aserukira urwaruka, hamwe n’umwe aserukira ubwoko bw’abatwa.

Uwo murwi wongewe ikiringo c’ugukora mu gihe abatavuga rumwe n’ubutegetsi babandanya gusaba ko ico gikorwa c’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro cohagarara, kikazokorwa inyuma y’ibiganiro, impande zose zumvirijwe.


Kumenyekanisha

1
BUSURAHENDE 15-09-2017 à 10:05

Iryo Bwirizwa Shingiro rizohindurwe abantu baronderwa na CPI (banse ko haba ibiganiro) bamaze gucibwa imanza. Bavuyeyo hazoce hakwirikira abagirizwa ko bashatse guhirika ubutegetsi kubera abantu bashaka kubwihagira. Bace badushikiriza twebwe Abarundi uwari mu kuri uwariwe. Na Union Européenne izoce ikura birya bihano yafatiye Uburundi bikandamiza twebwe abanyagihugu. Ngivyo ibintu vyananiye Mkapa na Mseveni kugira twogorore!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha