Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi wa mbere w’Abarundi 70 bahora i Lusenda wahungutse
Umurwi wa mbere w’Abarundi 70 bahora i Lusenda wahungutse
mardi 15 Myandagaro 2017, par
Abo barundi bahungutse bavuga ko bari babayeho mu buzima bubi, babura ivyo bafungura, akaba arico gituma bahisemwo gutama ku bushake bwabo. Bemeza ko hari n’abandi basigaye muri ico gihugu babuze ingene botahuka. Bakiriwe na Therence NTAHIRAJA, umwuganiri w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, bakaba baciye bashikirizwa ishirahamwe ryitaho impunzi mu Burundi (HCR).
Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bavuga ko kuri uwu wa kabiri ariho bashikirizwa imiryango yabo, basubizwe mu vyabo. Imbere y’ugutahukanwa iwabo, abo barundi bakaba babanza guhabwa amafaranga agera ku madorare 60 azobahasha gusubira mu buzima busanzwe, bahabwe n’imfungurwa.
Tubibutse ko hari umurwi ugizwe n’abaserukira Uburundi, Tanzaniya hamwe na HCR bariko bigira hamwe ingene abandi barundi bari muri Tanzaniya basavye guhunguka ku bushake bwabo boshikanwa mu Burundi.
Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bavuga ko Abarundi bagera kuri bihumbi 150 bari mw’ikambi y’impunzi muri Tanzaniya aribo bamaze kumenyesha ko bashaka guhunguka ku bushake bwabo
Egide NDUWIMANA